Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Stanislas Kaburungu, umwe mu bakinyi b’ivyese rurangiranwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Stanislas Kaburungu, umwe mu bakinyi b’ivyese rurangiranwa mu (...)

Stanislas Kaburungu, umwe mu bakinyi b’ivyese rurangiranwa mu Burundi

jeudi 22 Myandagaro 2013

Stanislas Kaburungu ni umwe mu bakinyi b’ivyese bakomeye b’abarundi, ndetse ubu akaba arongoye umurwi uzwi cane kw’izina rya Pili-pili. Yatanguye gukina ivyese haraciye igihe kitari gito, ariko ni mu mwaka w’2003 yatanguye gukina ivyese nk’umwuga yatoranye.

Kaburungu yavukiye muri komine ya Ngagara mu mwaka w’1982, arubatse na Inès Abeza, bakaba afise abana b’abigeme babiri. Inyuma y’amashure mato mu Ngarara, yaciye aja kubandanya ayisumbuye kw’ishure rya SOS, ndetse akaba ari naho yatanguriye ivy’ugukina ivyese neza na neza.Amaze gutangura igice ca nyuma c’amashure yisumbuye kw’ishure ryitiriwe ikiyaga Tanganyika, ntiyigeze ahagarika gukina ivyese kuko yagumye akina. Mu myaka ine yagize muri kaminuza y’Uburundi, ibiri mu gisata c’ivy’ivyinyifato n’ibiri mu gisata c’ururimi rw’icongereza, yagumanye umwete mu mwuga wiwe w’ugukina ivyese.

Stanislas Kaburungu

Stanislas Kaburungu yabaye rurangiranwa mu mwaka 2003, inyuma y’ishirwaho ry’umurwi Lampyre ndetse agakina mu cese citwa « Les fusillés », aho Patrice Faye ariwe yari ajejwe guhubura abakina ico cese n’ukubereka ukwo bokina. Mu nyuma yarakinye ivyese bitari bike nka : « Le jeune homme responsable s’abstient », « Kamenge 1993 », Le retour d’un homme responsable », « 20 :12 o’clock » , «Le Roi Tambour » n’izindi. Ariko rero, Kaburungu yemeza ko muri ivyo vyese vyose yakinye, icamushitse ku mutima ari « Le jeune homme responsable s’abstient » kuko muri ico gihe yari akiri muto nk’uko abandanya abivuga.

Ku va muri ico gihe cose akina, avuga ko amaze gukina mu mirwi y’ivyese itatu gusa ariyo : Umurwi Lampyre, Umugani Group, na Pili-pili asanzwe arongoye muri iki gihe. Uyo mukinyi w’ivyese asanzwe anatwenza, aramaze kuja mu bihugu bitari bike nk’Urwanda, Congo no muri Ile de la Réunion agiye gukina ivyese.

Stanislas Kaburungu ariko arakina mu 2003

Kaburungu aremeza ko azotungwa n’umwuga wiwe, inyuma y’inyigisho zitandukanye yagiye aragira zijanye n’ugukina ivyese ari kumwe n’abandi bakinyi b’ivyese b’abarundi batandukanye. Stani akaba amaze guca kenshi ku mboneshakure mu dukino nka : « Les Intolérants » , mu dukino tw’ibihayanishwa, udukino tw’agateka ka zina muntu. Stani akaba yarigishije kw’ishure ry’abafaransa ry’i Bujumbura ( Ecole Française de Bujumbura) icirwa c’ivyese.

Stanislas Kaburungu( iburyo ) muri "Le Roi Tambour"(2012)

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.