Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Steven kanumba ntiyigeze yibagirwa n’abagenzi biwe bakina amareresi
Steven kanumba ntiyigeze yibagirwa n’abagenzi biwe bakina amareresi
lundi 14 Gitugutu 2013
Mu gihe abakunzi b’amareresi mu karere ka Afrika y’ubuseruko baguye mu gahundwe igihe bumva urupfu rw’umukinyi w’amarerezi yakundwa cane steven kanumba, mu mpera z’ iyi ndwi ishize abakinyi b’amareresi bo mu bihugu bitandukanye Uburundi, Rwanda, Uganda na kenya baragiye kuraba imva y’umuhisi Kanumba aho bari baherekejwe na nyina w’uyo mukinyi.
Nk’uko ikinyamakuru GPR cabitangaje, abo bakinyi b’amareresi bo mu bihugu bitandukanye muri aka karere k’Afrika y’Ubuseruko inyuma y’umwaka uheze mugenzi wabo Kanumba bamushinguye mw’ itongo rya Kinondoni, bagiye bajanye na nyina w’uwo muhisi. Bakigera kuri iyo mva y’uwo musore, nyina wa Kanumba vyamuteye agahinda arongera araturikisha ararira.
Igihe cose Flora Mtegoa, umuvyeyi wa Kanumba, agiye kuraba iyo imva y’umuhungu wiwe apfa kubona agafoto kari ku muhungu wiwe aca Aturikisha akarira. Kuri uwo munsi yari yajanye n’abo bakinyi b’amareresi yababajwe cane nokubona bamwe muri abo bakinyi baririra imbere y’imva y’umuhungu wiwe. Nyina wa kanumba aho yarira yavuga ati “Mwana wanje weeee komeza wiruhukire mu mahoro, mama wawe we agahinda kagiye kumuhitana”.
Bamwe mu bakinyi b’amareresi bari baraho kuri iyo mva ya Kanumba, hari bamwe mu banyarwanda nka Sini (Rwanda), Joz Liz(Kenya), Okuyu (Uganda), Emy Emery ( Burundi) n’abandi benshi. Steven charles kanumba yavutse igenekerezo rya 8 nzero umwaka wa 1984 i shinyanga muri Tanzaniya, aca yitaba Imana igenekerezo rya 7 ndamukiza 2012 i Dar es salaam. Yari umukinyi w’amareresi wo mu gihugu ca Tanzaniya mbere yarakunzwe cane kuko yakina utuntu rimwe rimwe dutwenza ahandi akigira impumyi. Yitavye Imana ku myaka 28 abantu isinzi nibo bitavye ibirori vyo kumushingurana iteka.
Kanumba rero akaba yari yavukiye mu muryango Sukuma mu karere ka Shinyanga muri Tanzaniya. Se amuvyara yitwa karori kanumba nyina nawe Flora Mutegoa. Kanumba afise bakuru bIWe b ‘abakobwa babiri nawe yagira uwa gatatu. Kanumba yavuga indimi zitatu aha twovuga igiswahili ,igisukuma hamwe n’icongereza. Yatanguye gukina udukino mu mwaka wa 1990 mu mashengero, akaba yitavye umuremyi aguye mu cumba ciwe bivugwa ko yasunitswe n’umukunzi wiwe.
Umwigeme vyavugwa ko bakundana w’imyaka 17 Elizabeth Lulu Michael KImemeta yarabajijwe yongera aragirwa icaha, ubuzima bwa kanumba n’indoto nyishi zo gukora amareresi biba bihereye aho.
Floxella Karire
Messages
9 Ndamukiza 2014, 16:32, par Richard
None bakinye iyihe mareresi. Bakinye mwoyindonsa
23 Kigarama 2016, 13:22, par manirakiza
kuvapfuye ntabyabandnij?
3 Ruheshi 2018, 10:26, par 22
FARIALA KANYOMBO JEAN KADAFILS ,ndugu ! umtegemeye mungu muweza yote