Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Sudani y’Epfo : Intambara yafashe iyindi ntumbero
Sudani y’Epfo : Intambara yafashe iyindi ntumbero
mardi 15 Ndamukiza 2014
Umukuru w’ikiroberi co muri Sudani y’Epfo, Riek Machar, agomba kwigarurira igisagara ca Juba hamwe n’ibibanza bikuru bikuru birimwo peterori. Aramenyesha ko intambara itazohera umukuru w’ico gihugu Salva Kiir atavuye k’ubutegetsi.
Mu gihe haheze amezi atanu gusa hatanguye intambara, n’ibiganiro ata kinini birashikako, uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Riek Machar, afata mukeba we Salva Kiir nk’umuntu atwaza umukazo, kandi ko ata mpavu nimwe abona yo gusangira ubutegetsi na we.

Mu kiganiro yagiranye na AFP ku wa mbere, aramenyesha ko nimba agomba gutemvya ubwo butegetsi bw’umukazo abwirizwa gufata Juba hamwe n’ibibanza birimwo peterori. Iyo ntambara yatanguye kuwa 15 Kigarama 2013, imaze guhitana ibihumbi n’ibihumbi no kwangaza abagera ku bihumbi 900. Ikaba yatanguriye mu gisagara ca Juba, mu nyuma ikaza no gukwiragira mu bindi bisagara vy’ico gihugu. Iyo ntambara iri hagati y’abasirikare ba Reta n’abahoze mur’ico gisirikare ariko bashimye gukurikira uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu.
Iyo ntambara rero ikaba yaciye ihindura intumbero, kuko yahavuye iba intambara hagati y’abava mu bwoko bw’aba Dinka, umukuru w’igihugu akomokamwo, n’aba Nuer Machar akomokamwo. Amashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF na ONU vyemeza ko inzara igiye gutera mur’ico gihugu, mu gihe ata gikozwe n’impande zishamiranye kugira ngo intambara ihagarare. Nubwo bir’uko Machar aremeza ko atarota ahagarika intambara mukeba wiwe atavuye ku butegetsi.
Isabelle Simbarakiye