IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania: Umukuru w’igihugu yirukanye umukuru w’ikigo ndangakaranaga

Tanzania: Umukuru w’igihugu yirukanye umukuru w’ikigo ndangakaranaga

mardi 26 Nzero 2016

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli, yahagaritse mu kazi umuyobozi mukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe akaranga (NIDA), aca asaba ko hatangura gukorwa amatohoza.

Umunyamabanga mukuru wa Reta ya Tanzaniya, Ombeni Sefue, avuga ko Dickson Maimu yahagaritswe mu bikorwa vyiwe mu ntumbero umukuru w’igihugu yihaye yo gutuza igiturire.

Yavuze ko amakuru umukuru w’igihugu afise yerekana ko ikigo kijejwe akaranga NIDA cakoresheje amamiriyaridi 179.6 z’amashilingi. Ayo nayo kubwo umukuru w’igihugu John Magufuli ararenze,arico gituma yasavye ko haba amatohoza kuco ayo mafaranga yakoze.

Ombeni avuga kandi ko umukuru w’igihugu Magufuli yakiriye ibibazo vy’abanyagihugu bavuga ko bakirwa nabi iyo bituye ico kigo aho babasaba no gutanga karangamuntu zabo. binubira serivisi mbi mu gutanga ibyangombwa birimo n’indangamuntu, nk’uko BBC ikomeza ibitangaza.

Umugambi w’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya wo kurwanya igiturire umaze gukora ku bategetsi batari bake harimwo n’umukuru w’ikivuko ca Dar-Es-Salaam.


IGIHE

Messages

  • Ivyo Bikwiye K’uburundi

  • Uwozana iyo ntwari mu Burundi akirukana aba DD bapfukamye igihugu mu nda.
    Umwe nemwe mu gisata c’aba infirmiers, kugira umunyeshure asohotse ishure aronke akazi abanza gutanga imiliyoni 2. Mu Burundi niyo uwo munyeshure yogurisha itongo ryose rya se na nyina, ni bake bashobora kuronka ayo mafaranga. Niyo yoyatanga kandi nga garantie o ako kazi akaronka.

  • Nda Mushimiye Cane John Pombe Magufuri Ku Rwanya Ibiturire Nikintu Cambere Cane Ahubwo Imana Ize Imuzigame Mugutwara Igihugu Ciwe Nashaka Gusaba Nuwutwara Igihugu Cuburundi Yokora Nkuko Abandi Bariko Barakora Ndizeye Yuko Igihu Cacu Cotera Kija Imbere Nki Bindi Bihugu

  • Nda Mushimiye Cane John Pombe Magufuri Ku Rwanya Ibiturire Nikintu Cambere Cane Ahubwo Imana Ize Imuzigame Mugutwara Igihugu Ciwe Nashaka Gusaba Nuwutwara Igihugu Cuburundi Yokora Nkuko Abandi Bariko Barakora Ndizeye Yuko Igihu Cacu Cotera Kija Imbere Nki Bindi Bihugu

  • Igiturire.ntiki.zig era.gihera.muri.tanzania

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.