Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania: Umukuru w’igihugu yirukanye umukuru w’ikigo ndangakaranaga
Tanzania: Umukuru w’igihugu yirukanye umukuru w’ikigo ndangakaranaga
mardi 26 Nzero 2016
Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli, yahagaritse mu kazi umuyobozi mukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe akaranga (NIDA), aca asaba ko hatangura gukorwa amatohoza.
Umunyamabanga mukuru wa Reta ya Tanzaniya, Ombeni Sefue, avuga ko Dickson Maimu yahagaritswe mu bikorwa vyiwe mu ntumbero umukuru w’igihugu yihaye yo gutuza igiturire.
Yavuze ko amakuru umukuru w’igihugu afise yerekana ko ikigo kijejwe akaranga NIDA cakoresheje amamiriyaridi 179.6 z’amashilingi. Ayo nayo kubwo umukuru w’igihugu John Magufuli ararenze,arico gituma yasavye ko haba amatohoza kuco ayo mafaranga yakoze.
Ombeni avuga kandi ko umukuru w’igihugu Magufuli yakiriye ibibazo vy’abanyagihugu bavuga ko bakirwa nabi iyo bituye ico kigo aho babasaba no gutanga karangamuntu zabo. binubira serivisi mbi mu gutanga ibyangombwa birimo n’indangamuntu, nk’uko BBC ikomeza ibitangaza.
Umugambi w’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya wo kurwanya igiturire umaze gukora ku bategetsi batari bake harimwo n’umukuru w’ikivuko ca Dar-Es-Salaam.
IGIHE
Messages
26 Nzero 2016, 14:10, par Dariyusi
Ivyo Bikwiye K’uburundi
26 Nzero 2016, 18:15, par Izere
Uwozana iyo ntwari mu Burundi akirukana aba DD bapfukamye igihugu mu nda.
Umwe nemwe mu gisata c’aba infirmiers, kugira umunyeshure asohotse ishure aronke akazi abanza gutanga imiliyoni 2. Mu Burundi niyo uwo munyeshure yogurisha itongo ryose rya se na nyina, ni bake bashobora kuronka ayo mafaranga. Niyo yoyatanga kandi nga garantie o ako kazi akaronka.
26 Nzero 2016, 18:49, par Dieudonné
Nda Mushimiye Cane John Pombe Magufuri Ku Rwanya Ibiturire Nikintu Cambere Cane Ahubwo Imana Ize Imuzigame Mugutwara Igihugu Ciwe Nashaka Gusaba Nuwutwara Igihugu Cuburundi Yokora Nkuko Abandi Bariko Barakora Ndizeye Yuko Igihu Cacu Cotera Kija Imbere Nki Bindi Bihugu
26 Nzero 2016, 18:50, par Dieudonné
Nda Mushimiye Cane John Pombe Magufuri Ku Rwanya Ibiturire Nikintu Cambere Cane Ahubwo Imana Ize Imuzigame Mugutwara Igihugu Ciwe Nashaka Gusaba Nuwutwara Igihugu Cuburundi Yokora Nkuko Abandi Bariko Barakora Ndizeye Yuko Igihu Cacu Cotera Kija Imbere Nki Bindi Bihugu
26 Ntwarante 2016, 17:26, par manzi
Igiturire.ntiki.zig era.gihera.muri.tanzania