IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ubushimwe 5 kw’ireresi imwe muri FESTICAB

Ubushimwe 5 kw’ireresi imwe muri FESTICAB

mardi 18 Ruheshi 2013

Ireresi “Welcome Home”(“ Kaze i muhira”) ya Joseph Ndayisenga yaronse ubushimwe butane mw’isabukuru ry’amareresi FESTICAB rigira 5 riheruka kurangira kw’igenekerezo rya 14 Ruhenshi.

JPEG - 571.8 ko
igifuniko ca Welcome Home

Iyo reresi yasohotse icese muri Rusama 2013 yaronse ubushimwe butane muri FESTICAB. Ubushimwe nabo akaba ari: agashimwe k’ireresi ngufi ya mbere nziza muzari mw’ihiganwa, agashimwe k’isanamu ryiza, agashimwe k’ijwi rimeze neza, agashimwe k’umukinyi w’igitsinagabo yakinye neza, agashimwe k’ireresi yashimwe n’abarororezi. Ubwo bushimwe bukaba bwaronse uwayanditse Joseph Ndayisenga kumwe n’abo bafadikanije gukora iyo reresi. Aho twovuga nka Nestor Bigiruhiriwe (yakoze muvyo amajwi), Freddy Sabimbona( uwakinye neza mu muce w’abagabo),Jean-Marie Ndihokubwayo(uwakoze isanamu nziza). Uyu munsi isaha 12 z’umugoroba iyo reresi ikaba iza kwerekanwa mw’ishuri ry’ubuzi bujanye n’amareresi bita FEMIS ryo mu Bufaransa.

JPEG - 92.6 ko
Joseph Ndayisenga i Paris

Ndayisenga Joseph, iyo ari i Paris mu Bufaransa, avugako yatangaye cane kumva ireresi yiwe yaronse ubwo bushimwe bwose. “ Nsinibazako noronka ubushimwe bungana uko” niko yagize. Akanyamuneza kamubanye kose aho yumviye iyo nkuru. Abo barikumwe mu vyirwa vy’ubuzi bujanye n’amareresi baramukeje. Ndetse yivugirako hari na benshi bamwakuye baramukeza. Iyo nsinzi rero ikaba yamwugururiye imiryango myinshi. Aha aravuga abantu batari bake batanguye ku mwegera bamwereka ivyo bokorana, uhereye iyo ari mu Bufaransa. Kuri uyu wa 16 Ruhenshi yarashize igikumu ku masazerano hamwe n’inzu yitwa “Patou Films International” igiye kugurisha “Welcome Home” yongere iyishire iyo reresi mu yandi mahiganwa y’amareresi mpuzamakungu.

Uwo musore yanditse “Welcome Home” akaba ashimira cane abo bakoranye bose iyo reresi. Aho arashimira Canal France International yatanze uburyobwp gukoraiyo reresi. Amashimwe yiwe akaba kandi yerekeza ku mazu y’ubuhinyanyuzi bw’amareresi yo mu Burundi bakoranye mu runani. Joseph Ndayisenga akaba muri rusangi ashimira ubaterereye iki na kiriya kugira “Welcome Home” ikorwe ije ahabona.


Luc-Noel INGABIRE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.