Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe umugabane wa Afrika, James Duddridge, amenyesha ko amakungu akwiye gukorera hamwe mu gihe habaye ibibazo nk’ibiri mu Burundi.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru w’Ubuganda Kampala,James Duddridge yavuze ko igihugu c’Ubwongereza kitoshobora kurungika abasirikare bo kubungabunga umutekano mu Burundi ariko ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ariryo ryorungika abasirikare mu gihe vyokenerwa.
James Duddridge yabishikirije mu rugendo arimwo mu karere k’ibiyaga binini,mu ntumbero yo kwihweza ibibazo vy’umutekano hamwe n’impunzi,hamwe n’ico igihugu c’Ubwongereza cofasha.
Duddridge yavuze ko Ubwongereza bwiyemeje gutanga imfashanyo y’amafranga y’abongereza arenga imiriyoni cumi n’imwe n’igice (£11.6) azohabwa amashirahamwe ya ONU afasha abantu bari mu bibabazo nka HCR, PAM hamwe na UNICEF mu ntumbero yo gufasha impunzi.
Ayo mafaranga azofasha mu kwubaka amashuri, amavuriro hamwe n’ibindi bikorwa vyo ku rugero rwa mbere mu makambi atandukanye y’impunzi, kugira abana b’impunzi bashika ibice 57% vy’impunzi zose ziri mu gihugu, bashobore kwiga neza kandi bavurwe.
Uganda ni kimwe mu bihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi zishika ibihumbi 500.
Abo Baporisi Bomumahanga Ntabokeneye Muburunditurikwije Umutekano Urakingiyje Muburundi Baraguma Iwabo Nabobaragowe.