IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubwongereza bwemeye gutanga imfashanyo ku mpunzi z’abarundi mu (...)

Ubwongereza bwemeye gutanga imfashanyo ku mpunzi z’abarundi mu Buganda

mercredi 16 Kigarama 2015

Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe umugabane wa Afrika, James Duddridge, amenyesha ko amakungu akwiye gukorera hamwe mu gihe habaye ibibazo nk’ibiri mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru w’Ubuganda Kampala,James Duddridge yavuze ko igihugu c’Ubwongereza kitoshobora kurungika abasirikare bo kubungabunga umutekano mu Burundi ariko ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ariryo ryorungika abasirikare mu gihe vyokenerwa.

James Duddridge yabishikirije mu rugendo arimwo mu karere k’ibiyaga binini,mu ntumbero yo kwihweza ibibazo vy’umutekano hamwe n’impunzi,hamwe n’ico igihugu c’Ubwongereza cofasha.

Duddridge yavuze ko Ubwongereza bwiyemeje gutanga imfashanyo y’amafranga y’abongereza arenga imiriyoni cumi n’imwe n’igice (£11.6) azohabwa amashirahamwe ya ONU afasha abantu bari mu bibabazo nka HCR, PAM hamwe na UNICEF mu ntumbero yo gufasha impunzi.

Ayo mafaranga azofasha mu kwubaka amashuri, amavuriro hamwe n’ibindi bikorwa vyo ku rugero rwa mbere mu makambi atandukanye y’impunzi, kugira abana b’impunzi bashika ibice 57% vy’impunzi zose ziri mu gihugu, bashobore kwiga neza kandi bavurwe.

Uganda ni kimwe mu bihugu vyakiriye impunzi z’Abarundi zishika ibihumbi 500.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.