IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yirukanwe

Umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yirukanwe

jeudi 18 Kigarama 2014

Abashingamateka 36 kuri 39 nibo bemeje kuri uwu wa gatatu ingingo y’ugukombora Margaret Nantongo Zziwa yahora arongoye inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Mw’itangazo ryasohowe kuri uwu wa gatatu n’inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, bamenyesheje ko uwahoze ari umukuru w’iyo nama nshingamateka, Margaret Nantongo Zziwa akomoka mu gihugu ca Uganda, yirukanwe yagirizwa ukutitaba amanama, ukwigenza nabi, hamwe n’agasuzuguro abo bakorana bamwagiriza ko afise.

JPEG - 21.5 ko
Margaret Nantongo Zziwa yahora arongoye inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko

Imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, umushingamateka Margaret Nantongo Zziwa yari yahagaritswe muri ayo mabanga, ariko arahakana kurekura ayo mabanga, kuko yavuga ko akuwe amategeko atubahirijwe. Umurwi w’amategeko waciye utangura kwiga ivyariko vyagirizwa uwo mukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, akaba yagirijwe gusuzugura abo bakorana, hamwe n’ugusesagura amatunga y’inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Abashingamateka 36 kuri 39 nibo bemeje kuri uwu wa gatatu iyo ngingo y’ukumukombora.
Bitegekanijwe ko kuri uwu wa gatanu ariho abahiganirwa ico kibanza bazoba bahejeje gutanga imyidondoro yabo (candidatures).

Margaret Nantongo Zziwa yatanguye amabanga y’umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko mu mwaka w’2012 asubiririye Dora Byamukama.


Egide Nduwimana

Messages

  • Birababaje pe. abantu bakwiye kureka kwibagira iyo bavuye. bakamenya gufata neza abo basangiye amabanga yo gutwara ibisata babashinze. Imisi yose Orgueille irica,irahamba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.