Uwitwa L. Ahishakiye, w’umurwi Buffalo niwo yatahukanye ikibanza ca mbere mu bagabo mw’ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ku rwego rw’igihugu uyu mwaka wa 2018 aho yakoresheje amasaha 3 iminota 36 hamwe n’imisegonda 40 mu kwiruka ibirometero 106.
course
-
Cyclisme : Abatahukanye ibibanza vya mbere mw’ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga bamenyekanye
3 July 2018, by vianney -
Francine NIYONSABA yabaye uwa gatatu mw’ihiganwa DiamondLeague
28 mai 2018Umunonotsi w’umurundikazi Francine NIYONSABA yiruka imetero 800, yabaye uwa gatatu mw’ihiganwa rya DiamondLeague ryabereye mu gisagara ca Eugene, mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Rusama 2018.
-
’’Iyo ntsinze ni abarundi bose baba batsinze’’ - Francine NIYONSABA
6 mars 2018Umunonotsi w’umurundikazi Francine NIYONSABA yakiriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018, avuye mu gihugu c’Ubwongereza. Agishika ku kibuga c’indege yavuze ko umudari w’inzahabu yaronse ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Ntwarante 2018, ari umudari w’igihugu.
-
Londres : Usain Bolt yarushijwe mu kwiruka imetero 100
7 Myandagaro 2017Inyuma y’imyaka itari mike ari mu kibanza ca mbere kw’isi mu kwiruka imetero 100,umunonotsi w’umunyajamaica Usain Bolt yatahukanye ikibanza ca gatatu mw’ihiganwa ririko ribera mu gisagara ca Londres mu gihugu c’Ubwongereza,yirutse imetero ijana mu masegonda 9 n’ivy’ijana 95.
-
Elicom : Aba mbere biyandikishije mw’ihiganwa ry’amapikipiki bamenyekanye
21 Mukakaro 2017Ishirahamwe Elicom ryuguruye ku mugaragaro ibikorwa vyo kwiyandikisha ku bazokwitaba ihiganwa ry’amapikipiki mu gisata c’abazohiganwa ariko batabigize umwuga (amateurs). Abiyandikishije barashima akaryo keza bahawe na Elicom ko kwerekana ico bashoboye.
-
Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mw’ihiganwa Diamond League muri Suede
19 Ruheshi 2017Umunonotsi w’umurundikazi Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mw’ihiganwa rya Diamond League ryabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Suede, i Stockholm, mu kwiruka imetero amajana umunani.
-
Umunonotsi Usain Bolt agiye guhagarika ivyo kwiruka
13 Ruheshi 2017Umunonotsi wa mbere kw’isi yiruka imetero 100, Usain Bolt agiye guhagarika ivyo kwiruka, inyuma y’ihiganwa mpuzamakungu rizobera i Londres mu gihugu c’Ubwongereza mu kwezi kw’umunani.
-
Ishirahamwe ryo kunonora imitsi mu Burundi ryaronse abarongozi bashasha
12 Ruheshi 2017KWIZERA Dieudonne niwe yatowe ngo arongore ishirahamwe ryo kunonora imitsi mu Burundi mu kiringo c’imyaka ine, mu matora yabaye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 11 Ruheshi.
-
Umwirutsi Mo Farah arahakana ko ata miti yongereza inguvu yafashe
27 Ruhuhuma 2017Ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubwongereza Sunday Times kimenyesha ko gifise amakuru ko umumenyereza w’umunonotsi Mo Farah ava mu gihugu ca Somaliya yamuha imiti ituma yongereza inguvu.
Ikinyamakuru Sunday Times kimenyesha ko ayo makuru cayakuye mu kigo c’abanyamerika kijejwe gukurikirana inyifato y’abanonotsi.
Mo Farah ava mu gihugu ca Somaliya azwi kuba yaratahukanye imidari y’inzahabu mu kwiruka imetero 5000 na 10000 mu mahiganwa abiri mpuzamakungu yo kunonora imitsi aheruka kuba.
Naho biri (...) -
Umurundi Rashanali Mohamed yatsindiye ihiganwa Rally des Milles Collines
13 Kigarama 2015Umurundi Roshanali Mohamed afashanije na Ali Hassan ni we yatsindiye ihiganwa ryo gusiganwa n’imodoka Rally des Milles Collines ry’umwaka mu Rwanda.
Muri higanwa ryabereye mu gace ka Bugesera mu gihugu c’Urwanda,Roshani Mohamed yagenze ibirometero 200,53 mu minota 54 n’amasegonda 29.
Uko ihiganwa ryagenze muri rusangi ni uku gukurikira :
1. Roshanali Mohamed Abbas & Ali Hassan 54’29” (Burundi)
2. Mwananteba Zamin & Dias Maceri 1h’12’48” (Uganda)
3. Christian Remezo & Remera K. (...)
0 | 10