Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
2014 : Umwaka wahariwe uburimyi bufatiye ku miryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > 2014 : Umwaka wahariwe uburimyi bufatiye ku miryango

2014 : Umwaka wahariwe uburimyi bufatiye ku miryango

vendredi 27 Nyakanga 2013

Mu gihe umwaka w’2014 ariwo watowe guhimbarizwamwo uburimyi mu miryango, amashirahamwe atandukanye afatanije n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buserukiwe na Odette Kayitesi bari mu myiteguro itandukanye yo guhimbaza uwo mwaka wahariwe uburimyi bufatiye ku miryango kw’isi nzima. Ubwo burimyi rero bukaba bufise akamaro ntangere mu miryango.

Mu mwaka w’2011, inyuma y’inganda zitari zike zakozwe n’abakorera mu mashirahamwe adahanira inyungu za politike, mu nama idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baratangaje icese 2014, umwaka mpuzamakungu wahariwe uburimyi bufatiye mu miryango.

Uburimyi bufatiye ku miryango ni uburimyi bukoresha cane cane abantu bari mu miryango, mu mirima canke ubworozi. Uburimyi bufatiye ku miryango bufatira ku banyagihugu batobato babwitwararika, ubwo nabwo bukabatunga. Ni mbumbarugo, ni nabwo butunze imiryango myinshi. Ubwo burimyi buratandukanye n’uburimyi bufatiye ku budandaji.

Ubwo burimyi bufatiye ku miryango bufise akamaro kanini nk’uko tubimenyeshwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ryo gufasha abanyagihugu bo ku mitumba kwiteza imbere no gufatana mu nda, Déogratias Niyonkuru. Ubwa mbere, ubwo burimyi buha akazi abantu batari bake. Nibwo burimyi bukorwa n’abantu bakimbura ibiterwa bitandukanye, uburimyi bufatanya ibiterwa mbumbarugo n’ibiterwa njabukamazi, ndetse ubwo burimyi burafise akamaro ntangere muvy’ubutunzi. Ikindi kandi uburyo burimamwo buratuma isi yongerekana akanovera, kuko nk’akarorero, mu burimyi bufatiye ku budandaji, isi irata akanovera. Ubwo burimyi bufatiye ku miryango bwitwaweho burashobora gufasha Uburundi gutera imbere.

JPEG - 45.4 ko
Déogratias Niyonkuru

Ariko rero, nk’uko bibandanywa bivugwa na Déogratias Niyonkuru, n’aho bufise akamaro kanini, intambamyi ntizibuze. Ubwo burimyi ntibuteye imbere, umwimbu ni muke cane, akenshi usanga ubwo burimyi bukorwa n ‘abantu bashaje cane, bukorwa n’abantu atabumenyi bafise, ata n’uburyo bafise.

Mu vyokorwa rero, abari muri iyo nama yabaye ku munsi w’ejo kuwa kane basavye ababijejwe bose gufashanya. Amashirahamwe y’abarimyi bobigisha gukorera mu makoperative kugira bashobore kuza barashora nabo. Leta yokwitanga cane mu gushigikira ubwo burimyi bufatiye ku miryango mu gushiraho imigambi ku busumbasumbane bw’ibikenewe n’abanyagihugu kurusha ibindi. Muvyoja imbere rero, n’uko abanyagihugu boronswa umwavu ukwiye, kuko kenshi usanga abaronkejwe uwo mwavu aba ari bake cane, ndetse nabo nyene bakaronka intica ntikize.

Twobamenyesha ko amashirahamwe ariko aratunganya ivyo bikorwa ari cumi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.