IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ihayanisha-gurisha ry’ivyimburwa ryatanguye i Bujumbura

Ihayanisha-gurisha ry’ivyimburwa ryatanguye i Bujumbura

jeudi 2 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko uwuserukira ikigo SPARK mu Burundi Joris NGABIRE abimenyesha, intumbero y’iryo hayanisha-gurishwa, ni ukwerekana ivyimbugwa vy’Uburundi, mu ntumbero yo guhimiriza abegwa no guteza imbere uburimyi n’ubudandaji bw’ivyimbugwa gukorera hamwe mu ntumbero yo kugwiza umwimbu mu gihugu c’Uburundi.

JPEG - 110.5 ko
Uwuserukira ikigo SPARK mu Burundi Joris NGABIRE

Kubw’icegera c’uwutwara ishirahamwe ryitaho uburimyi n’urudandazwa rw’ivyimbugwa AGROBIOTEC, Théodomir RISHIRUMURIRWE, igisata c’uburimyi ntikiratera imbere ku rugero rushimishije.

«Uburimyi hamwe n’ubudandaji bw’ivyimbugwa n’ibihinguwe mu vyimburwa biracari ku rugero rwo hasi. Uburundi buracakeneye abashira imitahe myinshi mu burimyi kugira umwimbu n’ubutunzi bw’igihugu vyiyongere. Kuva igihugu cikukira, abantu bashira imitahe mu burimyi ntibigeze bagera ku rugero rubereye».

JPEG - 120.5 ko
Icegera c’uwutwara ishirahamwe ryitaho uburimyi n’urudandazwa rw’ivyimbugwa AGROBIOTEC, Théodomir RISHIRUMURIRWE

Arongera akamenyesha ko igisata c’abikorera ivyabo gikwiye kworoherezwa cane, mu ntumbero yo gutuma umwimbu wisununura.

MBITEZAMASO Elière, arongoye koperative EJEHEZA isanzwe irima ikadandaza inanasi, ibitoke n’imitobe ivamwo, amenyesha ko gukorera mu mashirahamwe bibafasha cane mu guhanahana ubumenyi no kugwiza umwimbu. Arongera kandi akamenyesha ko abarimyi bafise ibibazo vy’uburyo bwo kwunguruza umwimbu baronse, hamwe n’ikena ry’abagura ivyo badandaza.

Iryo hayanisha-gurisha ririko ribera mu mu nyubakwa za Asterix Park mu gisagara Bujumbura rizohera kw’igenekerezo rya 04 Munyonyo 2017.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.