Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
31 Mai umusi wo kurwanya itabi: Abantu benshi rirabica - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > 31 Mai umusi wo kurwanya itabi: Abantu benshi rirabica

31 Mai umusi wo kurwanya itabi: Abantu benshi rirabica

vendredi 31 Rusama 2013

Itabi ni kimwe mu bibangamiye amagara y’abantu kw’isi. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) riharura ko mu mwaka w’i 2020, itabi rizoba ari igituma nyamukuru gituma abantu bapfa cane. Kw’isi yose, ku mwaka itabi rihitana abantu bagera ku miriyoni 10.

Na hano mu Burundi, uwo munsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi wahimbajwe. Aho mukamenya ko uyu munsi ushitse hari abakitswe n’amagara kubera itabi. Ikinyamakuru IGIHE, caganiriye na bamwe basanzwe barinywa ba hano mu gisagara ca Bujumbura.

Kuribo, kunywa itabi nta nabi babibonamwo ataruko rifise ingaruka zitari nziza. Abarinywa baba bafise intumbero zitandukanye. Kubo twabajije, bavuze ko hari abanywa itabi kubw’abagenzi babo, kugira bumve ko bari mu bandi, harabarinywa kugira berekane ko bageze mu bigero, n’abandi ari kugira bagabanywe ivyiyumviro biba bibabakiye, canke kugira babe barurangiranwa.

Kubanywa itabi bari mu kazi nabo, nabo nyene bagize ico babivugako. Ku bwabo rero, barinwa kugira biruhurire kuko baba biriwe barakora imirimo iruhisha mu mutwe, kugira ntibave umwuna mu mazuru kubwugukora umwanya muremure canke nyuma yo kuruha. Iyindi mvo ituma banywa itabi bari ku mirimo, n’uko usanga vyaramaze kubaheramwo bikabagora kuriheba n’ubwo baba bariko barakora.

Ariko rero, n’ubwo bagiye baratanga imvo zitandukanye zerekana ko ata nabi iri mu kunywa itabi, barabonye ko iyo banyoye itabi amagara yabo ahinduka. Nko kubabara mu gikiriza, kubura impwemu, harabo usanga iminwa n’inzara vyarirabuye kubera kunywa ryinshi.

Kunywa itabi bifise ingaruka mbi zitari nke n’ubwo hari abishigikira ko ribagirira akamaro. No mu bushakashatsi bwama bukorwa ku bijanye n’amagara y’abantu, biragaragara ko itabi ridahagaritswe rizoca imbere kw’isi indwara ya Sida, indwara y’igituntu, impanuka z’imiduga, ukwiyahura, eka n’izindi. Ari naco gituma ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu rihamagarira abantu bose kwitaho amagara yabo mu kwikingira amabi yoza abagana.

Uyu munsi, ntiwahariwe gusa abanywa itabi, ariko ni kuri bose kugira bamenye amabi aterwa n’itabi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.