IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Antime BARANSAKAJE amaze amezi atatu ku musego

Antime BARANSAKAJE amaze amezi atatu ku musego

mardi 22 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa ari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda amagara yiwe arabangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki. Uwo azwi cane mu bafashije mu guteza imbere ingoma z’Uburundi n’akaranga k’Uburundi asaba abagira neza hamwe na Reta kumugarukirako, kuko amafaranga akenewe kugira aje kwivuriza hanze atayo afise.

Hagati y’imiriyoni 13 hamwe na 15 z’amafaranga y’amarundi niyo umuryango wa Antime BARANSAKAJE uvuga ko akenewe kugira ajanwe kuvurirwa i Nairobi mu gihugu ca Kenya, canke mu gihugu c’Ubuhindi, nk’uko vyasabwe n’abaganga bamukurikiranye akigira iryo sanganya.

JPEG - 29.4 ko
Antime BARANSAKAJE ntagishobora gutambuka

Umuryango w’uwo mutama w’imyaka 81 usaba ko Reta y’Uburundi itokwirengagiza ako kamo k’ukumuvuza, kuko yakoreye igihugu. N’abandi bose babishoboye bakaba basabwe kugira ico baterereye.

Mu mwaka w’2014, ishirahamwe FOCODE ryarahaye agashimwe Antime BARANSAKAJE, yatowe nk’uwarushije abandi mu gikingira akaranga k’Uburundi.

BARANSAKAJE Antime ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.