IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Abaririmvyi barakwiye kumenya amategeko abagenga

Abaririmvyi barakwiye kumenya amategeko abagenga

samedi 16 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi « Amical des Musiciens du Burundi » rimenyesha ko imigenderanire rifitaniye n’abarihurikiyemwo imeze neza naho vyose bitera de. Uwo arirongoye akaba ashima intambwe iryo shiramamwe rigezeko. Akanipfuza ko bomenya amategeko abagenda.

JPEG - 43.3 ko
Bruno Simbavimbere, umuyobozi w’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi

Umuyobozi w’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, Bruno Simbavimbere batazira Member, arashima intambwe ishirahamwe arongoye rigezeko. Arashimishwa no kubona itegeko rikingira ibikorwa mvabwenge vy’abahinga b’abarundi ryaragiyeho. Kubwa Member, ryaje hageze kuri bamwe, kuko hariho n’abaririmvyi batazi nuko ribaho. Ku migendernire iryo shirahamwe rifitaniye n’abaririmvyi, uwo muyobozi avugako ata nzu iriko irasha hagati y’abaririmvyi n’ishirahamwe ryabo.

Member aravuga ko hari abaririmvyi bacibaza ko kuririmba ari kwiyumvira indirimbo hama ikaja mu mazu bazikoreramwo, canke kwari gutegura ibiteramo vyiza bimwe abantu bikugura bikaba biheze. Abagifise ivyumviro nk’ivyo baracari inyuma biturutse ku kutamenya. Bruno asanzwe ari n’umucuraranzi aririmba wa kera, arazi ibitari bike mu bihimbara canke bibabaza umuririmvyi. Mu bibabaza umuririvmyi harimwo kwibwa igikorwa mvabwenge umuntu aba yakoze. Ikibabaza gusumba naco ni kwumva indirimbo iriko isubirwamwo n’uwundi ata ruhusha abanje gusaba uwayikoze ubwa mbere.

Iyo nararibonye mu muziki w’Uburundi avuga akebura bamwe mu baririmvyi ko bomenya ubwa mbere amategeko akingira indirimbo zabo. Kuririmba bisanzwe ari ingabirano mvukanwa iyo ntaho ija, rero hasigara hakenewe kumenya amategeko azokingira iyo ngabirano. Ivyo abivuga mu gihe hari ikigo cagenewe gukingira ivyo umuririmvyi canke abakora ibikorwa mvambwenge. Ikigo « OBDA » (Office Burundais des Droits d’Auteurs) cakira abanyamyuga kikabafasha mu kwandika ivyo bakoze, akarorero umuririmvyi ashobora kwandikisha indirimbo yiwe, iyo nayo ikagira inomero yayo n’ibiyiranga ku buryo hagize uwuyigana vyoroha kumenya mweneyo. Member rero amenyeshako abo ryaje gufasha harimwo abasa nabataryitayeho. Kuri we vyerekana ko abo batabigira ari bamwe usanga baririmba batazi ico bariko bakora.

Ku kijanye n’ukuntu ishirahamwe rikurikirana abaririmvyi, amenyeshako ko bafise umunyeshirahamwe akunze kuba ari mu manama ategura ibiteramo akanabikurikirana. Uwo nawe Ni umuririmvyi Happy Famba. Muguheraheza Member asaba ko abaririmvyi bajana n’ibihe.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.