Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bururi : Pasitori apfunzwe yagirizwa kugereranya Papa Fransisko na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Bururi : Pasitori apfunzwe yagirizwa kugereranya Papa Fransisko na (...)

Bururi : Pasitori apfunzwe yagirizwa kugereranya Papa Fransisko na "Anti-Christ 666"

mercredi 11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nyigisho uwo mupasitori agenda aratanga abicishije mu nzandiko atanga, avuga ko umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko ari "Anti-Christ", akamugereranya n’igitigiri 666.

Mu giporisi bamenyesha ko bafashe uwo mugabo afise igitabu gicafyemwo igikoko gifise imitwe indwi, ico gikoko akakigereranya na Papa Fransisko, umwungere wa Ekereziya Gaturika kw’isi yose.

Ico gikoko cambaye inkofero yanditseko igiharuro 666, Pasitori HAKIZIMANA akigisha ko iyo nkofero nyene ico gikoko cambaye ariyo Papa Fransisko yambara.

Pasitori Didier HAKIZIMANA avuga kandi ko ishengero rya Gaturika ari "Anti-Christ" kubera ridahimbaza umunsi w’Imana ku munsi wa gatandatu, nk’uko bikorwa n’urushengero rwiwe rwa Adventiste rw’umunsi w’indwi.

Uwo mupasitori apfunzwe yagirizwa gutyoza ubwigenge bw’amadini hamwe n’ukwaka agateka umwungere wa Ekereziya Gaturika.

Mu giporisi bavuga ko uwo mupasitori ariko arakorerwa Dosiye kugira ashikirizwe ubutungane.

JPEG - 157.8 ko
Papa Fransisko, umwungere wa Ekereziya Gaturika

Egide NDUWIMANA

Messages

  • Pr. Didier wihangane Umwami mana azokuyobora no munzira zikomeye. Uvutumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa. Ubwo intumwa zicwa nibwo ishengero ryiyongereye.

  • Ce pasteur dit la verite,regarder ce video pour comprendre comment POPE a l’objectif de rendre le monde a desobeir:
    https://www.youtube.com/watch?v=T_4EF9eRbHE

  • Mbega uri nde ucira abandi urubanza?Nkumuntu ariko avuga ko umwungere wa Ekleziya Catolika ari Anti-Christu,yikwegera urubanza rwiki?Yezu ati:"nimba shetani iriko irisambura yo nyene,ubwami bwayo buri hehe?Warasorongoye usanga inyigisho ziba muri katorika niza shetani?Imana ibababarire ntumuzi ico muvuka

  • siwe abivuga, ni bibiliya ibivuga. mwagiye musoma mugatahura ibyo bibiliya itubwira. pasteur nibamurekure kuko ariko azira ubusa!!!!!!!!!!!

  • ahokwigisha ubwami bw’Imana harabahitamwo kwigishabandi hamw namacakubiri gusa murakwiy kwikebuka mukigisha uwabambwe kumusaraba akaducungura

  • Nimba musoma bibiliya mukayitahura ivyuyo mu pasitori avuga nibinyakuru nuko aba kristu bo muri ekeleziya gaturika badasoma bibiliya sinon ivya papa harya ni danger muragerageza kumenya nkibicapo biri kuri zirya mpuzu aba patiri bambara, niho muzomenya ko gaturika ifise ibinyegezwa vyinshi muzokumigwa. Nibamurekure bamuhora ubusa avuga ukuri ndabarahiye

  • Iyo umu Gatorika aba ariwe yatutse ishengero rya Adventitse ko ari ryo rya Anti-Christ, ubu aba apfunzwe? Jewe sinumva nshigikiye cane uwo mu pasteur kuko izo nshigisho simbana aho zishingiye cane. Mugabo kumupfunga bigaragaza ko ata mwidegemvyo wo kwiyumvira uko umuntu ashaka dufise mu Burundi. None kuvuga ko Papa ari Anti-Christ hari ico batwara? S’amajambo gusa adashobora kugira ico ahinduye kuri we nimba ari umukozi w’Imana nyakuri?

  • Abo ni bamwe biyadukiza ukaza wumva ngo ni abapasitori ataho bavyigiye. Babigize urucuruzwa bakagenda babesha abantu ngo bariko barabigisha kugira bironkere 1/10. Abo n’abo bazoba benshi bitumwe n’ubukene abantu barimwo.

  • Il faut échanger les idées constructives et ne pas perdre son temps àparler des autres. La bible ne prêche pas la faiblesse et les rêves.

  • Kubeshuza: Ntabwo Pastor HAKIZIMANA Didier yigisha ko Papa Francis ariwe antichrist. Nyabuna ubupapa nibwo antichrist: Uhereye k’uwavuyeho, k’uwuriho no kuwuzoza (C’est le systeme). Turatanga ubusobanuro: Papa yiyita ngo n’Imana, ntiyihenda kandi ntabesha; yihaye ububasha bwo kubabarira abantu ivyaha ububasha bufiswe n’Imana yonyene. Mudusange tubibasigurire kuko uko Martin Luther yatanguye abivuga ntituzohesha na gatoyi kubivuga twisunze Bibliya hamwe n’izindi nyandiko. Nayo kubijanye n’igitigiri 666, soma ikinyamakuru c’ishengero rya Catholika "Our Sunday Visitor April 1815 kiri no kuri https://fr.scribd.com/doc/36946251/Our-Sunday-Visitor-April-18-1915-Vicarius-Filii-Dei-666. Tuvuga ivyo dufitiye ivyemezo mwirinde kuvugira uruhande rumwe. Twaravyigiye, turabizi kandi n’ivyo dukora. Murakoze!

  • les Anti Christu ni abirirwa bica abarundi bazira ubusa!Mbere yuko uwo mupasteri agreranya Santo Padre Franscesco na Anti Christu nabanze ahanure abategetsi banyu Batange amahoro mu Barundi.

  • Ibyo bakloze koko birakwiye kuko ntampamvu yo guharabika nyiri ubutungane, twe twemera ko kiliziya arimwe rukumbi itunganye kandi ikomoka ku ntumwa. ibyo Kiliziya yigisha byose uzabisanga muri bibilya.

  • Ibyo bakloze koko birakwiye kuko ntampamvu yo guharabika nyiri ubutungane, twe twemera ko kiliziya arimwe rukumbi itunganye kandi ikomoka ku ntumwa. ibyo Kiliziya yigisha byose uzabisanga muri bibilya.

  • abantu turagoye !none uwo mutavuga rumwe nukumwambika inkonishushe?je numva uwo mu pasteri yagotse niba arivyukuri yabikoze kandi avyiyemerera.abo nabo babeshera bibiliya ;ntaho vyanditseko utsoza mugenzawe ngumuvuge ukwatari!ehe basha umuntu wese yirabe yisuzume areke gucirurubanza abandi

  • faseahgtayaolikadbvcaymiastarbcsaoesamuyhagmabdsaeolpasuenytsampeasbgatanhyaseyeakidsramauhgtastdanrdskaloastndsamnashegasareaoilrdshyanrsaelodrsapotanmhyasyahgtabdresabrsaemlasienhyasagtbcdrsamuyaseamtrasmtlordsganyaseamuki mo nadsae mkasia otsasuka otsae mop sersa mklseamki dhsa mtdo sagt anh bcrda mu sers ahn musaresa mki agt sdvcr sanhki asra ea ,p y asweau tsafdsrw ammy dsra
    bgt dsra yapoas hbz

  • Ukonukuri Nimukurikirane Ibyarimwo Kuvuga

  • UWO MUPASTEUR AVUGA UKURI AHUBWO NIMWIGE BIBILIA NEZA MUTAHURE IGITABU C’IVYAHISHURIWE YOHANA NA DANIYELI MUHEZE MUVE MUBINYOMA MUJE MUKURI.MUHEZAGIRWE

  • Ico sigitangaje ko Pastorale Hakizimana Didier Yoba Yigishije Atyo munyigisho ziwe kuko ivyanditswe vyerekanako Abigira Abariko Barakorera Yesu Kristo Atariko biri Bari Murano nyene Tubona Bari muma fini atandukanye tubona.

  • Ndamwipfuriza ko ahubwo yopfungwa nkimyaka yose.kuko iryo dini ryaba diventiste baratyoza gose umuryango w’Ekleziya Gatorika.nkino mu MUTOYI_BUGENDANE_GITEGA iyo ndwi iheze bariko barakoresha igikorane, ntamajambo namwe bavuga atarayo gutyoza gatorika bakavuga nkuko nyene ngo Dusenga anti_kristo .Papa nawenyene ngo 666.Bakatwereka igikoko arisinzi ukuntu kimeze ngonico dusenga kubera dusenga dimanche.Ngo nitwapfa tuzoribwa n’ibikona nabo ngo baduge comme Jésus christ.URUMVA NKEKA BAVUGANA IVYO BIGISHA KUKO BAVUGA BIMWE NKEKA BAGIRA INAMA YAVYO.Thank you Holy Marry request for you the blessed of his son.Amen!!! Nibabahashe ntibisonera.

  • Babwire,ncuti,yayesu,nshimirimana, Dieudone,ijambo,ryimana,rivugako Baziziba,amtwi,banke,kwumva Pasta,ihangane Umwemangire Yesu,nawe,azokwemangira,kwa Data We,wimutoyi,nkugereranya,nabishe Stafano,ngo,ivyoyigisha vyabarya,mumatwi,tuzovuga, abumva,bumve,je,nari,umuroma, Kuvyanyu Wompenda,bike Ihane!

  • None uyo pastoro yavuze ivyo yabikuyehe? Bibiliya ivuga yuko ugukunda Imana arukuyumvira 1Yohana 2:3-4 havuga yuko utitondeye amabwirizwa yImana uba urumubeshi.None uyo pastoro ntararekurwa?

  • Kuciyumviro co kuruwo mupastori,mbonako nimba avuga ivyo afitiye inyandiko avuga neza guko umuntu avuga ivyadafitiye inyandiko numubeshi,guko Bibiliya ivuga iti:Matay 24:14 dukwiye gukwiza ubutumwa hose,kandi dukwixe gukora ivyo Data womwIjuqu agomba Matay7:21,uko niko Bibiliya ivuga ok.

  • None uwo pastori azorekurwa ryari? twe turipfuza ko yorekurwa guko wosanga avuga ukuri guko icatumye abivuga ntawukiz kandi wosanga izo nimero666 ziri kuriwe none avuga ivyatabonye? ok murakoz.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.