IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Amahoteli yo mu bihugu vya EAC akwiye kugengwa n’amategeko asa

Amahoteli yo mu bihugu vya EAC akwiye kugengwa n’amategeko asa

mardi 27 Munyonyo 2012

Ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro bwaratunganije ivyigwa ku bakurikirania hafi ibijanye nama hoteli n’ibindi bice vy’ingenzi. Aho hari mu ntumbero yo kurabira hamwe inyungu zose igisata c’ingenzi gishobora kwinjiza.

Ingingo y’115 y’itegeko rishiraho ishirahamwe rya Afirika y’ubuseruko, mugace kayo ka 2, rirategekanya itondekeshwa ry’ama hoteli n’itunganywa ry’amategeko agenga igisata c’ingenzi mu karere. Ivyo vyasiguriwe abahawe inyigisho z’abazigisha abandi, abo nabo bakaba bava mu bihugu bitanu bigize ishirahamwe EAC.

Izo nyigisho zatangiwe muri Tanzaniya muri Munyonyo na Kigarama mu 20008. Igihugu kimwe cose kikaba caserukirwa n’abantu bane bashoboye kuronswa izo nyigisho. Kuva ico gihe, igihugu cose caratunganije ivyigwa ku bagenduzi kugira abakorera muri ico gisata mu karere kose bagire ubumenyi bumwe.

Ni muri iyo ntumbero ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro, posita n’ingenzi bwatunganije inyigisho kubagenduzi bazofasha gutondekesha ama hoteli n’ibindi bice vy’ingenzi. Itondekeshwa rituma inyungu zo mugisata c’ingenzi zikurikiranwa neza hakanagurwa n’uburyo bwo kwakira ingenzi.

Patricia Rwimo, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro, posita n’ingenzi yaribukije ko intambwe ya mbere yari yerekeye kwigisha ingingo z’iryo tondekeshwa ry’ ama hoteli. Izo nyigisho zatanzwe mu gihugu cose kubari mu gisata c’ubutunzi, abari mu nzego n’ab’igenga, bakorera mu gisata c’ingenzi hano mu burundi. Intambwe ishikiriwe, ni inyigisho ku bagenduzi 15 zizomara amezi abiri. Mukiringo c’amezi abiri, abo bagenduzi bazigishwa uko batondekesha ibice bigenderwa n’ingenzi ku buryo bwemewe n’akarere ka Afirika y’ubuseruko.

Abafise ama hoteli cokimwe n’abagwizatunga barashima izo nyigisho kuko zizotuma hubakwa amahoteli ya kijambere, n’ingenzi zigafatwa neza hanyuma u Burundi bukaharonkera amafaranga y’agaciro.


Ndayikemgurutse Jean Michel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.