IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Igisata c’ingenzi mu Burundi ntikiratera intambwe mu bikorwa (...)

Igisata c’ingenzi mu Burundi ntikiratera intambwe mu bikorwa vyaco

vendredi 27 Nyakanga 2013

Igisata c’ingenzi kiri mu bituma akaranga k’igihugu kamenyekana, haba muri ico gihugu nyene canke mu mahanga, eka ndetse no mu guteza imbere igisata c’ubutunzi kuko ingenzi zitanga amafaranga mu kuratira ijisho imico ndangakaranga y’igihugu.

Igenekerezo rya 27 Nyakanga, uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe igisata c’ingenzi n’amaratiro. Aho abantu boca bibaza Ihangiro y’uwo munsi mpuzamakungu wahariwe igisata c’ingenzi :
Intumbero nyamukuru yanshinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe igisata c’ingenzi n’ukumenyekanisha akamaro ko kwitaho igisata c’ingenzi, na cane cane akamaro kaco mu mibano, mu micokama, muvya politike no mu butunzi.

Muti none ico gisata c’ingenzi cifashe gute mu Burundi? Mu gihe cari gikwiye gushirwa mu bisata vya mbere biteza imbere igihugu, igisata c’ingenzi mu Burundi ni igisata kitavugwa cane nk’ibindi bisata biboneka mu Burundi, ariko gikundwa cane naba kavamahanga bagendera ibibanza vy’iratiro vyerekana imico ndangakaranga.
N’aho kitavugwa cane, ico gisata kiramaze guteturura Uburundi mu kuba ica mbere akatari gake mu mico ndangakaranga y’igihugu.

Ikibanza ‘Musee Vivant’ ni kimwe mu bibanza ratiro biri mu gisagara ca Bujumbura. Ikinyamakuru IGIHE cashimye kugendeye ico kibanza kuri uno munsi mpuzamakungu wahariwe igisata c’ingenzi.
Bigendako Bernard, umuhinga mu gukora ibishusho ndangakaranga, yatwiganiriye avuga ko igisata c’ingenzi, ari igisata cari gikwiye kuja mu bisata biteza imbere igihugu kuko n’ingenzi kugira zimenye igihugu zica mu bibanza vy’amaratiro vyerekana imico y’igihugu.

Ku bijanye n’ibibanza ratiro biri mu Burundi yavuze ati : “Birababaje kubona ibibanza vyari bikwiye gukwega ingenzi mu Burundi Leta itavyitaho haba mu kubikorera canke mukubinagura kugira ingenzi zize ari nyinshi. Nk’akarorero, ikibanza citiriwe Faye Nyakakazu, ikibanza c’isoko Nil, ku kibuye Staney na Livingston hamwe n’ibibanza ratiro vyo hagati mu gihugu (Rutana, Gitega, Mwaro, …) , ibibanza vy’amazi y’amashuha, eka n’ahandi. Ivyo ni ibibanza bishobora guteza imbere igihugu hamwe vyonagurwa, bakanashobora mbere no kuhubaka amahoteri kugira n’ingenzi zihaje zironke n’aho ziruhikira.

Kubwa Bigendako, nk’umuginga mu bijanje n’imico ndangakaranga, igisata c’ ingenzi ni igisata cari gikwiye gutezwa imbere, narirya muri kino gihe, n’abana bariko baravuka bakwiye gukurira mu mico ndangakaranga y’igihugu cabibarutse. Yasavye kandi ko Leta yoza irategekanya uburyo bukwiye kubw’ico gisata kugira kirushirizeho guteza imbere ubutunzi bw’igihugu.

N’aho mu Burundi umunsi mpuzamakungu wahariwe igisata c’ingenzi bisa n’uko utazwi, mwomneya ko uwo munsi watanguye guhimbazwa kw’isi yose, mu mwaka w’1980, mu gihe wari washinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe igisata c’ingenzi mu mwaka w’1980.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.