IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Igisata c’ingenzi > Burundi : Amasezerano y’imfashanyo yo gusanura ibibanza bihurumbirwa (...)

Burundi : Amasezerano y’imfashanyo yo gusanura ibibanza bihurumbirwa n’ingenzi

vendredi 23 Nzero 2015

Ikibanza co kw’ibuye bitiriye Stanley na Livingston kigiye kwubakwa neza kugira kirushirize guhurumbirwa n’ingenzi , mbere n’ibibanza bindi nk’ishamba rya kibira hamwe na site ya Gishora bigiye gukorwa neza. Uwo mugambi ukazotuma ubutunzi bw’igihugu bwongerekana nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe ubudandaji, ingenzi amahinguriro n’amaposita Rose Nizigiyimana.

Kuri ico cibutso ca Stanley na Livingston niho ubushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro ,amaposita n’ingenzi bufashwe mu mugongo n’ishirahamwe Trade Mark East Afrika hamwe n’igisata kiraba ivy’ingenzi ,buguruye icese umugambi wo guteza imbere igisata c’ingenzi mu Burundi. Umugambi utegekanywa kuzorangira mu mwaka w’2016, kw’igenekerezo rya 31 Rusama, intumbero nayo akaba ari kugira ico gisata hano mu Burundi gishobore guhiganwa no mu karere, gitange ubuzi congere gitume ubutunzi bw’igihugu bwongerekana.

Ibirori nyezina vyatanguwe no gutera ibiti kuko ivyahahora vyahitanywe n’indwano Uburundi bwahitiyemwo. Buramatari w’intara ya Bujumbura rural , Jacques Minani, mw’ijambo ryiwe yashimiye abashitsi bagendeye intara yiwe yongera arashima ko ico kibanza kigiye cahurumbirwa , na cane cane ko kiri mu kibanza ciza cane ahantu hahanamiye igisagara ca Bujmbura, kandi hafi y’igisagara. Arashima kandi kubona ico kibanza catowe mu bibanza cumi bisanzwe bigenderwa n’ingenzi hano mu Burundi kuzofashwa n’uwo mugambi.

Akunguko ku banyagihugu begereye ivyo bibanza

Umushikiranganji Marie Rose Nizigiyimana aremeza neza ata nkeka ko uwo mugambi ugiye kuzoteza imbere igihugu muri rusangi ,hamwe n’igisata c’ingenzi vy’umwihariko. Abanyagihugu na bonyene bo muri iyo micungararo avuga ko bazohungukira nko mu kuhakorera udukorwa tumwe tumwe twinjiza amafaranga ,nko kudandaza utugenegene, imfungurwa, ibinyobwa hamwe n’utundi tuntu twinshi ingenzi zihurumbira iyo zigendeye igihugu c’ Uburundi.

Ishirahamwe Trade Mark naryo ari naryo ryatanze uburyo ,ribicishije ku wusanzwe ariserukira mu Burundi, Anthe Vrijlandt, barizera ko amafaranga yahora yinjira mu gisata c’ingenzi hano Burundi agiye kwongerekana ku bice munani kw’ijana, ingenzi zisanzwe zigendera Uburundi zizongerekana ku rugero rw’ibice 200, kw’ijana hamwe n’abakozi bashika igihumbi bagiye kuzoronka akazi muri uwo mugambi.

Tubamenyeshe ko uwo mugambi uzotwara amafaranga yose hamwe 742.700 y’amadorari y’abanyamerika. Uwo mugambi ukazokorwa mu bibanza bitatu kw’ibuye Livingston na Stanley, ikibira ca Ruvubu hamwe na site ya Gishora. Mu ntumbero yo gushira mu ngiro uwo mugambi, amasezerano akaba yatewe ko igikumu hagati y’iryo shirahamwe ryatanze uburyo Trade Mark, ubushikiranganji bw’ubudandaji , amahinguriro n’ingenzi hamwe n’igisata kiraba ingenzi. Ibikorwa vyo kunagura ivyo bibanza bikaba bigiye kuzoca bitangura guhera muri uko kwezi kwa kabiri, kuko ivyigwa vyamaze kurangira.

Floxella Karire

Messages

  • Nezacane, ndasaba ababijejwe bambarire niba hariya kukibira caruvubu hozokwnerwa nka Hotel ntoya canke nini twitwarireyo iyo business. Ndavuga mumicungararo yabo kugira ingenzi ziziroherwe nukubyraro.

  • Usangta ari vyabindi vyo gusanura nkivyo bagize kuri ikibanza ca HAROY barashaka bareke ! Ilfaut inviter des architectes bagire des projets barushanwe hama mutore projet yarushije izindi, sinon bizomera nka ya ma monuments yo mu kamenge kwibarabara riduga ruguru ziguma zibomoka...

  • Umugambi nk’uwo niwo uzoduteza imbere.kuko ingenzi zigwiriye ubutunzi buriyongera,kandi ndanawushimy kuko ugabanije abashomeri.hama nagira nsabe ababijejw barabe ko vyoshiboka,bakingire ibindi bibanza(grotte inangurire...)bijanye n’imico kama.murakoze.

  • HELLO,
    Ndiniteka, ryo kubandi kira ndabakengurukira kuturonsa ayamakuru kuri internet,mugaba nari nico nashaka kubaza; Muvyukuri,ndumwe mu Bantu bagendewe nabaserukira abandi mu bushikiranganji bwimigenderanire nayandi makungu be ni ntumwa zinama Nkenguza-shinga mate mukibanza nari mperereyemwo; hakurya yamazi (mumakungu).
    Narekuriwe kwinjira U Burundi kuburyo bwaribwo bwose haba kujana nabene kutugendera canke UNHCR banasiguru ingene uwotashe yo kwakiwe canke azofashwa beno guserukigwa imbere y’amategeko .
    Narashoboye kwishikira Mugisegara manyuma yokwiyubara nkasaba bamwe mubavukantara za ho nakekeranijwe nabavyeyi.
    Ndonswa ibindanga nimvukira twakaranye irudandandaza iyo twari,munyuma yokwitegekaniriza uburyo narashoboye kuriha bimwe mubisabwa namategeko ncandonka ikarata muntara Mama yahunze avamwo,be nagatabo kazofasha kugirako hanze nyuma yumugambi wi hunguka.
    Sinatevye nuko ataco Igihugu cemeye gufasha bamwe mubo twari kumwe ,kuburyo canke kuru hara gwanje nirihira ndandagiza narinziko nari kwimenye .

    Mugabo,Igihugu cari gifise ivyo kitemere,haba kuburenganzira twimwe abarundi baha abanyamahanga be nitegeko ryokubisikana nabavukiye mugihugu ara banyamahanga akwotwobisikana ritizwe bivanye ninyungu baribafisemugihugu jewe nari maze imyaka irenga 10 mvuye mugihugu cabamwe batari bakumiriwe munzego amahera nifashanyo zamaho nibindi nkimigwi yitwaje ibigwanisho nagateka kokwinjira nagusohoka nibi...,

    Munyuma sinorohewe ntanagateka kitongo ryasokuru canke ibibanza vyahabwa abandi barukiye mumitumba na mahera yakwiyunguruza be nagaseke kutanguye ubuzimabushasha,nkumu deparase.
    Narazungurutse gatoyi ncambona sinzoshora ncansubira ahiyongabanamayabereye kuko yarihurikiyemwo na nyakwigende Jurius Kambarage nizindi ngenzi z’umugambi wamahoro kuburundi zigirana imabono yi cese niya Rusha,Kubarimwo Imana ibahezagire kundi Izoshumbushe kubaruhutse.

    Vyanse,nishikiye kumuhana w’umwe mu jejwe Ibanki kandi narimuzi mboko ataco yemerewe kunkorere atagihawe namugambwe kandi najewe nari umurundi naciye nihebura kuko rwarugwego gwabize mbere rwegamira ibitandukanye rwofashe ibirwinisho iyorwabishobora ncankurw’umutima nokubona bamwe mubagirizwa kuba abanyamahanga bemerewe kwitwazi ibirwanisho ncambona ko bazohava biha igihugu badahawe nandashakayabanyagihugu niharuramwo murikazoza.

    Ngenze iyo nari natse UNHCR itarinejerejwe nukotuguma kubutaka bwigihugu cubuhungiro kubwinyungu numutekano vy’abenegihugu.
    Maze kubona ikiringo narindiriye isezerano ryumukuru wakarere narimwo rihezemukirere (kudukatira amatengo nama shure)muntara yakure yumupaka atahotuzu hurira nabavuka kubwoko bwabategeka hakuryano hakuno neye kwegerayo ngo njekuregose ntituzopfe ubusa .
    None Ubu! ntaburyo nemererwa namategeko nta niconakoreye ngifise ,ndasaba Abarundi kwihweza ko ata wa vuye hiyo yoba afise icoyasize canke iwabo nzeniture inzego ndabe iconzofasha kuko umenga ndata mbamiwe.
    Elie [email protected]

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.