IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kuvyara ku rugero ntibirakunda mu Burundi

Kuvyara ku rugero ntibirakunda mu Burundi

samedi 17 Munyonyo 2012

Imigenzo n’imico, inyigisho z’amadini, kutaronka inkuru zikwiye n’aho umukenyezi yokwitura n’ukutabitahura ku bagabo nivyo ishirahamwe mpuzamakungu ryihaho imiryango UNFPA ribona ko ari intambamyi zo kuvyara ku rugero mu Burundi.

Kugirango igisata ca ONU kiraba ivy’igwirirana ry’abantu UNFPA gishike kuvyo ciyemeje nk’imigambi y’ikimpumbi mu Burundi, umupfasoni Yolande Magonyagi arongoye ibiro vy’ico gisata mu Burundi avuga ko bagiye kwihutira guhimiriza abantu ku kamaro ko kuvyara abana bake.

Ico igisata ca UNFPA kigiye gukora ngo n’ukwegereza abanyagihugu uburyo bwo kugabanya imvyaro gushika ku mitumba, kwigisha abanyagihugu guhindura ingendo n’ivyiyumviro, guha uburyo bwo gukora ibigo vyigisha irondoka rijanye n’amagara meza n’ibindi.

Docteur Yolande Magonyagi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, yavuze ko kugabanya imvyaro bituma umukenyezi agira amagara meza n’abana yibarutse bagakura neza batarwaragurika. Ariko ngo bikeneye amafaranga menshi kugirango muri vision 2015 Uburundi bushike ku migambi y’ikimpumbi aho umuryango uzovyara abana batarenga batatu.

Uburundi bukeneye amafaranga y’amadorari angana ibihumbi 80 kugirango bushike kuri ico cifuzo, yongeye avuga ko icegeranyo ca UNFPA cerekana ko imiryango yo mu Burundi itaganira kuvyerekeye abana bovyara. Ibice bitarenga 23,5 kw’ijana vy’abagore nibo bemeye ko bamaze kuganira n’abagabo babo igitigiri c’abana bovyara, abagabo nabo bamaze kubivugana n’abagore babo ni 21,3 kw’ijana.

Ico cegeranyo kivuga ko ibituma abantu batijukira kuvyara ku rugero ari vyinshi; inyigisho z’amadini zivuga ko umuntu avyara abana bangana nabo Imana imuhaye, imigenzo n’imico ivuga ko kuvyara benshi ari itunga, kubura aho ingo zitura kugira zihabwe inyigisho zo kuvyara ku rugero, kutamenya canke kuvyinuba n’ibindi.

Ibiharuro vyerekana ko umugore mu Burundi avyara abana bari hagati ya batandatu n’indwi. Docteur Magonyagi abona ko inyishu z’ivyo vyose ari kugwiza ibiganira n’uguhimiriza abanyagihugu kuneza yo kuvyara abana umuryango ushoboye kurera, bikunze ntibarenge batatu. Avuga ko uburyo bwiza arikubanza guhimiriza abanyamadini kubera abantu benshi bumvira inyigisho z’abihebeye Imana, hamwe rero no kugwiza ibiganiro bica ku maradiyo kuko abantu banakunda mbere kuyumviriza.

Ico cegeranyo gisaba kandi abategetsi gufata muminwe ikibazo c’irondoka rijanye n’amagara meza no kugabanya invyaro kuko ngo niyo nkingi y’iterambere. Dr Magonyagi ati "Iyo umuryango ugaburira abana batatu sico kimwe no kugaburira abana cumi na batanu, ishuri ryigamwo abana ijana ubumenyi sico kimwe, amatongo yaraze n’irindi ryigamwo abana mirongo itanu". Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi, cane cane PARCEM ryishinze guhamagarira abantu guhindura ingendo, rimaze igihe risavye leta gushiraho itegeko rivuga igitigiri c’abana ntarengwa umuryango utegerezwa kuvyara, ntibarenge batatu.

Amatati y’amatongo afatiye ku matongo aharurwa ku bice birenga 80 kw’ijana vy’imanza z’amatongo mu bavukana mu masentare.


Bonesha FM

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.