IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Inyabwonko > Ukraine: Umugera GoldenEye wateye imashini nyabwonko

Ukraine: Umugera GoldenEye wateye imashini nyabwonko

mercredi 28 Ruheshi 2017

Uwo mugera GoldenEye watanguye kwibonekeza mu gihugu ca Ukraine kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017, mu nyuma uca utandukira imashina nyabwonko zo mu bindi bihugu ahanini vyo ku mugabane wa Buraya.

Amakuru dukesha imboneshakure y’abafaransa France 24, amenyesha ko amahinguriro atandukanye yo mu bihugu vy’Uburusiya , mu Bwongereza , mu Bufaransa hamwe no mu gihugu ca Danemark nayo nyene yamaze guterwa n’uwo mugera.

Umushakashatsi w’ikigo Russe Kaspersky Costin Raiu abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter yavuze ko uwo mugera wateye mu bihugu bitari bike, ariko imboneshakure France 24 yoyo ica imenyesha ko umugera wateye mu mashini zo mu gihugu c’Ubufaransa ataho uhuriye na GoldenEye .

Catalin Cosoi asanzwe ari umushakashatsi mu bijanye no gukinga imigera itera imashini nyabwonko yavuze ko iyo migera ifitaniye isano n’ibikoresho vy’ikigo NASA c’abanyamerika vyibwe mu mwaka uheze wa 2016.

Ayo makuru amenyesha ko ico gitero ca GoldenEye gifitaniye isano n’umugera Wannacry waheruka gutera ama mashini nyabwonko mu kwezi kwa rusama guheze, aho abakoresha i mashine nyabwonko basabwa gutanga amafaranga kugira zuguruke .

Umugera GodenEyeikaba usaba amadorari 300 ku mashini nyabwonko yatewe kugira ishobore kwuguruka .

Imigera itera imashini nyabwonko irabangamira cane igihugu ca Ukraine .aho ico gihugu cama cagiriza igihugu c’Uburusiya kuba kiri inyuma y’ivyo bitero , nayo amabanki menshi mu gihugu ca Ukraine akaba atriko arakora.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.