IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi Ami Baso arabandanya ibikorwa vyiwe mu mahanga

Umuhinyanyuzi Ami Baso arabandanya ibikorwa vyiwe mu mahanga

lundi 15 janvier 2018

Indirimbo Molo Molo y’umuririmvyi ava mu gihugu ca Congo Brazaville ni imwe mu ndirimbo yakoze, ikaba kandi ikunzwe mu karere Afirika y’uburengero.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Ami Baso avuga ko mu ntango, yari yipfuje kurondera uwo yosigarana ibikorwa vya Swagger Record ariko ahava afata ingingo yo kubangira gukorera mu Burundi, akabandaniriza ibikorwa aho ariko arabandaniriza ivyigwa vyiwe.

Kubwa Ami Baso, umuziki w’Uburundi nturaja ku rwego mpuzamakungu, ngo abaririrmvyi b’abarundi ntibaramenyekana cane.

Avuga ati « Iyo ndi mu gihugu ca Côte d’Ivoire ,benshi ntibazi abaririmvyi n’indirimbo z’abarundi.Ku bwanje, Reta yofasha abaririmvyi eka n’abarundi bagafata mu mugongo abaririmvyi. »

Inzu Swagger Record ikaba yahora irangurira ibikorwa vyayo mu gisagara ca Gitega aho yakoranye n’abaririmvyi batari bake kandi bakaba bariko baratera imbere ;aho twotanga nk’akarorero k’umuririmvyi Double Jay, ariko araja ku rugero rw’abaririmvyi bariko barubaka izina mu muziki wo mu Burundi.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.