IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Ivyatumye Lady Grace acumita imbugita mw’izosi Lizer Classic biriko (...)

Ivyatumye Lady Grace acumita imbugita mw’izosi Lizer Classic biriko biramenyekana

vendredi 6 Ntwarante 2015

Haraheze amezi atari make umuhinyanyuzi Lizer Classic ahatswe kwicwa n’umukobwa bari bakundane, bimwe muvyo bapfa biriko biramenyekana.

Lizer Classic yacumiswe imbugita mw’izosi n’uwo bakundana Lady Grace, hari mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo 2014, aho uwo muririmvyikazi yaca ahunga. Amakuru ava hafi ya Lizer Classic avuga ko uwo mukobwa na Lizer Classic bama bariko barwana bapfa ko Lizer yamwikeka ko aja mu bandi bagabo.

Amakuru yo kwizera avuga ko Lizer kugira amenye ukuri kuvyo yumva ku mukunzi wiwe Lady Grace ku bijanye n’uko aja mu bandi bagabo, yakoresheje ubuhinga bwa none. Bivugwa ko Lizer yashize muri ngendanwa ya Lady Grace uburyo bwo kubika amajwi y’abantu bariko bavugana (enregisteur des sons). Uko Lady Grace yavugana n’abandi bantu, ivyo bavuganye vyose vyasigara muri ngendanwa yiwe. Lizer Classic yaca arondera ngendanwa ya Grace akumviriza ivyo yayaze n’abo bavuganye. Niko gusanga uwo mukobwa yavugana n’abandi bagabo maze bagahurira muma "hotels".

Ayo makuru nyene avuga ko benshi mu bagabo bahura na Lady Grace atari Abarundi. Iyo niyo ntango yo gushwana kwa Lizer na Lady Grace bikavamwo kumucumita imbugita agahakwa no gupfa. Maze baca baranahebana.

JPEG - 69 ko
Lady Grace

Mwomenya ko Lizer Classic na Lady Grace bavyaranye umwana w’umuhungu ubu yoba afise nk’imyaka ibiri. Ikindi mwomenya n’uko Lady Grace asigaye ari mu rukundo rushushe na Frank Pro.

Umviriza uririmbo rwa Lady Grace rwakozwe n’umuhinyanyuzi Lizer Classic : "Warihe"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.