Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agashimwe k’amadorari 300.000 k’ihiganwa Big Brother katahukanywe n’umu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Agashimwe k’amadorari 300.000 k’ihiganwa Big Brother katahukanywe n’umu (...)

Agashimwe k’amadorari 300.000 k’ihiganwa Big Brother katahukanywe n’umu Tanzaniya

lundi 8 Kigarama 2014

Agashimwe k’ihiganwa Big Brother ku ncuro yaryo y’icenda katahukanye Idris avuka mu gihugu ca Tanzaniya, yatowe muri 25 bari basigaye mw’ihiganwa mu minsi 63 ryari rimaze.

Idris aryohewe no gutsinda

Ibirori birangiza ihiganwa rya Big Brother African Hotshorts vyasozerewe kw’igenekerezo rya 07 Kigarama. Abatanguye guhiganwa bari 26 baserukira ibihugu 14, abo nabo akaba ari aba bakurikira : Goitse na Sheilah (Botswana) Kacey na Ma’m Bea (Ghana), Melvin Alusa na Sabina (Kenya),Mr. 256 na Sipe( Malawi), Mira na Trezagah( Mozambique) Luis na Permithias(Namibia), Lilian na Tayo( Nigeria), Frankie na Arthur( Rwanda), Nhlanhla na Samantha( Afurika y’Epfo) , Idris na Laveda ( Tanzania), Ellah na Esther (Uganda), Macky2 na Resa (Zambia) , Butterphly na JJ (Zimbambwe).

Uko iminsi yagenda ihera niko abahiganwa bagenda bagabanuka, hasigara Idris na mugenzi we Tayo wa Nigeria. Abarundi bati : "Haburana babiri hagatsinda umwe", naho Tayo yari ashigikiwe cane kubera uburyo yiyerekana nk’umuntu intsinzi itocika kandi adatinya amahiganwa, ntivyabujije ko Idris amutsinda gutyo amateka aja muri Tanzania.

Ibirori birangiza ihiganwa vyabereye mu nzu ya Biggie (Big Brother), vyatangujwe no guca ku gitambara gitukura. Urugendo rwakozwe n’abatanguje ihiganwa ariko bataronse amahigwe yo gushika mu gice ca nyuma. Mu nyuma abahiganwa 8 basigaye mw’ihiganwa bashizwe hamwe, nabo ni :Tayo (Nigeria), Ma’am Bea(Ghana), Sipe (Malawi), Nhlanla( Afurika y’Epfo), JJ (Zimbabwe),Macky2(Zambia), Butterphly(Zimbabwe) na Idris(Tanzania). Bamwe bamwe nka Butterphly (Zimbabwe) na mugenzi we Ma’m Bea (Ghana), hakurikiye Sipe (Malawi) na JJ (Zimbabwe), hanyuma hasezererwa Nhlanla (Afurika y’Epfo) na Macky2(Zambia) bityo hasigaramo Tayo (Nigeria) na Idris(Tanzania) bahiganigwa amadorari 300,000 yagenewe uwa mbere.

Ihiganwa rigeze aho, abariko bakurikirana ihiganwa hirya no hino ku mboneshakure umwe wese yatanga izina bivanye n’uwo yiyumvamwo hagati ya Tayo na Idris. Niho rero batangaza ko Idris wo muri Tanzaniya atsindiye agashimwe k’amadorari 300,000 kari kagenewe uwutsinda Big Brother. Amahera Idris yatsindiye tuyashize mu marundi aharurwa mu miriyoni 495.

Mbega Idris yatsindiye Big Brother asanzwe akunda iki mu buzima bwiwe canke yipfuza kuba iki?

Idris yatsinze afise imyaka 21 y’amavuka, mu buzima bwiwe yipfuza cane kuba umukinyi rurangiranwa w’amareresi. Akunda cane umuziki w’abaririmvyi Chris Brown, Michael Jackson, Usher, Ed Sheeran, Sam Smith, Lana Del Ray na Nina Simone.

PNG - 287.5 ko
Idirs na Tayo bahiganwa ubwa nyuma muri Big Brother
JPEG - 104.3 ko
Idris yatsindiye Big Brother
Idris aryohewe no gutsinda

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.