Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aba Islam bo kw’isi yose bahimbaje Aid el-Fitr - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Aba Islam bo kw’isi yose bahimbaje Aid el-Fitr

Aba Islam bo kw’isi yose bahimbaje Aid el-Fitr

jeudi 8 Myandagaro 2013

Aid el-Fitr, abenshi mu Burundi bazi kw’izina rya « Layidi », ni umunsi mukuru kuba islam bo kw’isi yose, aho bahimbaza ukwezi kwa Ramadan baba bavuyemwo bari mu mafungo. Ikimenyetso cerekana ko amafungo ya Ramadan aheze, kikaba gitangazwa n’abamenyeshamana mw’idini rya islam mu gihugu ca Arabie Saoudite.

Mw’ijoro ryo kuwa 7 Myandagaro ushira uwa 8 Myandagaro 2013, niho vyatangazwa kw’isi yose mu binyamakuru n’abamenyeshamana mw’idini rya islam muri Arabie Saoudite ko babonye ibimenyetso vy’ukwezi gushasha guserutse, ukwezi kwa Chawwal, gusigura impera z’ukwezi kwa Ramadan.

Kuri uyu wa kane wa 8 Myandagaro, aba islam bo ku mpande z’isi yose, bazindukiye ku misigiti kugira bahimbaze hamwe umunsi wa Aid el-Fitr. Na hano mu Burundi, uwo munsi wa Aid el-Fitr wahimbajwe n’aba islam bo mu ntara zose, abatari bake i Bujumbura bakaba bahuriye aho bita kuri “Markaze”.

Ikinyamakuru “IGIHE” kikaba cari cishishikiye kuri Markaze kuraba ibikorwa vyahabereye. Kubo twahasanze, batumenyeshe ko uyu munsi ari umunsi udasanzwe kuba islam bose, haba kubifise canke kubatifise.

Kubwa Iradukunda Yusufu, umwe muba islam bari baje guhimbaza Aid el-Fitr ngaho ku musigiti “Markaze”, ukwezi kwa Ramadan kwabaye ngirakamaro kuko vyabashoboje kwegera Imana kurusha, gufasha abagowe n’abatishoboye, kugendera abarwaye no kwiyegereza abapfakazi. Ikindi naco, ni igihe co guhindura ingendo zose zitabereye no kurushirizaho kwitanga.

Ku bibaza naho ko ivyo bikorwa vyiza n’inyifato zibereye vyakorwa mu kwezi Ramadan, bigaca birangira kuko amafungo nayo arangiye, Yusufu yavuze ko abaca bahinduka bagakora ibidahwanye baba bihenze, ahubwo ko bakwiye kuguma berekana umutima w’urukundo, kubana neza n’abandi no gufashanya ata kwinubana birimwo.

Kuvy’uko naho uyu munsi mukuru wa Aid el-Fitr ushitse mu gihe abatari bake hano mu Burundi bugarijwe n’ubukene, Nemeyimana Hasani nawe yahamagariye aba islamu bose, n’abandi bose gusabikanya no gushira hamwe, abifise bashigikire abatifise, barushirizeho gufatana mu nda.

Mwomenya ko ukwezi kwa ramadan kw’uno mwaka, aba islam bari bakumazemwo iminsi 29. Ku batari bake, iyo minsi 29 yarangiye biyegereza imana gusumba, mbere bakanashima ku mahoro n’umutekano vyaranze ayo mafungo.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.