Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nyakabiga : Abanyagihugu barashimishwa n’agakarata ko kwa muganga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Nyakabiga : Abanyagihugu barashimishwa n’agakarata ko kwa muganga

Nyakabiga : Abanyagihugu barashimishwa n’agakarata ko kwa muganga

vendredi 13 Kigarama 2013

Ababa muri komine ya Nyakabiga iri mu gisagara ca Bujumbura, baremeza ko agakarata ko kwivurizako kabashimisha, mu gihe kabafasha mu kugura imiti yose baba bipfuza, ndetse kakabagabaniriza n’amafaranga baba bategerezwa kuriha. Nk’uko bimenyeshwa na musitanteri wa komine ya Nyakabiga Eric Nkurunziza.

Amenyesha ko, ako gakarata gafasha cane abanyagihugu mu gihe abatagafise bariha ijana kw’ijana. Ako gakarata rero kakaba gafasha cane abanyagihugu badashobora kuriha ikarata y’abakozi ba Reta (Mituelle de la fonction publique). Ako gakarata ka Cam rero karashobora gufasha umuryango wose, kakavura ndetse gushika ku bana batanu. Musitanteri Nkurunziza akavuga ko ako gakarata gafasha abanyagihugu mu kugura imiti.

Kuba abanyagihugu bashimishwa n’ivyo ako gakarata, Eric Nkurunziza musitanteri wa komine ya Nyakabiga akaba avuga ko abibonera, ku buryo kenshi bama baje gusaba ako gakarata, bakibagira ko ubu gatangirwa kwa muganga gusa. Hakaba hari amanama menshi ariko aratunganywa muri komine ya Nyakabiga, mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kugira bashobore gutahura akamaro k’ako gakarata ko kwa muganga.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.