Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abafise ubumuga butandukanye buca bavurwa n’abaganga bo muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abafise ubumuga butandukanye buca bavurwa n’abaganga bo muri (...)

Abafise ubumuga butandukanye buca bavurwa n’abaganga bo muri Hollande

vendredi 15 Munyonyo 2013

Umurwi w’abaganga bo mu gihugu ca Hollande baritezwe kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo uyu mwaka, aho bazoba bazanywe n’ukuvura ku buntu abagendana ubumuga butandukanye.

Ico gikorwa kizorangurirwa mu ntara zibiri z’igihugu c’Uburundi arizo Ngozi na Makamba, abanyagihugu bafise ingorane zitandukanye z’ubumuga harimwo ubumuga bamwe bavukanye, abasadutse igisenge c’umunwa, abavukanye ubujana, abafise ubumuga batewe n’ubushe, n’abandi bafise ubundi bumuga batavukanye, bakaba bazovurwa n’abo bagiraneza.

Mu ntara ya Ngozi ico gikorwa kizotangura kw’igenekerezo rya 18 gushika ku rya 22 Munyonyo, mu ntara ya Makamba naho, abo bagiraneza bakazovura abazoba biyandikishije kuva kw’igenekerezo rya 25 gushika ku rya 28 Munyonyo. Abazovurwa bose rero bakaba bategerezwa kuzoba bafise agakarata bivurizako ko kwa muganga.

Abafise ingorane z’ubumuga bavukanye canke batavukanye mu gihugu c’UBurundi bakaba bariho atari bake. Muri abo, harimwo abafise ubumuga batewe n’amasanganya, yaba ay’ubushe, amasanganya aturutse ku ntambara Uburundi buhitiyemwo, n’abandi usanga bavutse bafise ubumuga.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.