IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abaforoma banse gusubira ku kazi

Abaforoma banse gusubira ku kazi

mercredi 5 Kigarama 2012

Kuri uyu wa kabiri italike 4 ukwezi kwa Kigarama, ubushikiranganji bw’akazi hamwe n’ubw’amagara y’abantu bwaragabishije ko abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA badasubiye kukazi kuva kuri uyu wa gatatu bazofatirwa ibihano ngo kuko ihagarikwa ry’akazi barimwo ritisunze amategeko. Bahagaritse akazi kuva ku munsi wa mbere . SYNAPA irahakana gusubira kukazi.

kuva kuri uyu wa gatatu mugitondo hibonekeza uruja n’uruza rw’imiduga yo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu ku bitaro bitandukanye baraba ko ukugabisha abaforoma harico vyoba vyahinduye,ko boba bumvise ako kamo ,ariko siko babisanze kuko ntakazi kakozwe.

Abakozi bari batonze nk’uko babigira kuva batangura iryo hagarikwa ry’akazi ku munsi wa mbere ariko batakira abagwayi kireste indembe. Ivyo navyo bikaba biri mu bikorwa bibayabaye bemeye gukora. Abaforoma bahurikiye muri sndika SYNAPA bavuga ko ivyashikirijwe n’abashikiranganji 2 ata bwoba bibatera kuko na reta isanzwe izi ko ivyo basaba bifise ishingiro nk’uko biri mumasezerano syndika yabo SYNAPA yashizeko umukono kumwe na reta. Kanatsinda ngo n’imvugo bari basanzwe bamenyereye mugihe nk’iki ca yegereyegere. Abashikranganji babiri. Uw’amagara y’abantu n’uw’akazi ka reta bari bagabishije ko umuforoma adatonda ku kazi kuri uyu wa gatatu azohanwa n’amategeko kuko ngo yegereyegere barimwo ata mategeko yakurikije.
Uwuserukira SYNAPA wewe yagirizwa n’umushikiranganji w’akazi ko yarenze ku mategeko kabiri mugihe asanzwe afise amabanga mu kazi. Ayo nayo akaba atamurekurira guhagarika akazi nk’abandi banywanyi ba Sendika.

Kuva igihe c’isaha zitatu haciye hatangura inama ya sendika SYNAPA aho Melace Hakizimana ayirongoye amenyesha yuko ivyashikirijwe n’abo bashikiranganji ari iterabwoba ku bakozi. Yemeza ko ihagarikwa ry’akazi bagize rikurikije amategeko ngo kuko babicishije mu nzira ikwirikije amategeko, ngo ahubwo n’uburyo bwo kwiyobagiza ivyo basaba. SYNAPA imenyesha ko abo bashikiranganji bamaze kwica amatwi Sendika yarandikiye icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ariko nta nyishu baronse ngo bakabona ko atayindi nzira bari basigaje.

Nk’ikijanye n’uburusho ku mishahara yabo ngo bisanzwe biri mw’itegeko umukuru w’igihugu yashizeko umukono ngo ntibumva rero ingene bitoja mungiro. Uwurongoye SYNAPA avuga ko ibihano abo bashikiranganji bavuga ngo n’ugushaka guhana abarwayi. Umukuru wa Sendika SYNAPA yongerako ko imbere y’uko aba umurongozi mu kazi yarasanzwe atwara iyo sendika, ngo aho rero ntibihende ko bamujeje ayo mabanga kugira ntasubire kuvugira abakozi igihe cose hazoba hari ikitagenda neza ntazosamazwa nivyo, ngo ategerezwa guhaguruka.

Melace Hakizimana atera akamo abanywanyi bose ba SYNAPA ko atawotwagwa n’ubwoba ko bazosubira ku kazi aruko habaye ibiganiro bagaca irya n’ino ibibazo vy’abakozi. Ivyo biruko mugihe n’ama sendika ahurikiyemwo abigisha agabisha guhagarika akazi biyamiriza nabo nyene ukugene ikibazo co kunganisha imishahara mu bakozi ba reta kiriko kirakorwa na reta.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.