Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaforoma basabwa gusuzuma ibikorwa barangurira ababitura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abaforoma basabwa gusuzuma ibikorwa barangurira ababitura

Abaforoma basabwa gusuzuma ibikorwa barangurira ababitura

lundi 19 Rusama 2014

Sendika y’abaforoma bo mu Burundi isaba Reta y’Uburundi gushinga ishure rizokwigisha abanyeshure bafise impamyabushobozi A3 kugira bashobore kuronka impamyabushobozi A2.

Kubw’uwurongoye sendika SYNAPA, iyo mpamyabushobozi A3 ikora mu Burundi gusa, ari nayo mpamvu vyari bikwiye ko haza irindi shure ryotuma baronka impamyabushobozi A2. Uwo arongoye sendika SYNAPA yabishikirije mu ntara ya Ngozi, kuri uno wa gatandatu, mu birori vyo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umuforoma.

Ku vyerekeye kandi uwo munsi mukuru w’umuforoma, abaforoma bo mu ntara ya Cankuzo bahamagarirwa kwitaho kandi abarwayi mu gihe cose babatabaje, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru wa sendika SYNAPA mu ntara ya cankuzo. Yabasavye kandi gusubiza amaso inyuma barabe namba ibikorwa bakoze bishimwa n’abanyagihugu basanzwe babitura.

Tubibutse ko uwo munsi wahariwe umuforoma uhimbazwa igenekerezo rya 12 Rusama, uwo munsi mpuzamakungu akaba ari akaryo keza ko gusubira kurabira hamwe ubuzima umuforoma abayemwo ku kazi kiwe ka minsi yose.


Floxella Karire

Messages

  • Abantu turi muri kayogoro turacagow nivyamagendo bikidandarizwa mwisoko umurwayi umuhay umuti yundi naw atisuko ngo jakwa nicodemu cank kwa patrice ugasang ama effet yingwar ariyo yiziziy abantu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.