Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abafundi b’indimo ntibashikira abarimyi aho bari hose mu gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abafundi b’indimo ntibashikira abarimyi aho bari hose mu gihugu

Abafundi b’indimo ntibashikira abarimyi aho bari hose mu gihugu

jeudi 24 Gitugutu 2013

Icigwa catunganijwe n’umuhinga abisabwe n’urunani rw’mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) cerekana ko abafundi b’indimo bajejwe gukurikirana abarimyi badakwira hose, umwimbu nawo ugaheza ntiwiyongere kuko abo barimyi batamenya ubuhinga bokoresha.

Patrice Ntahompagaze, umuhinga yakoze ico cigwa amenyesha ko abafundi b’indimo basanzwe ari bake badashika mu mitumba yose y’igihugu. Aho bashoboye gushika naho, kenshi basaba abarimyi ivyo badafise nk’imbuto zirobanuye kandi za kijambere, ifumbire n’ibindi. N’aho Leta y’Uburundi yagerageje gutanga umwavu n’umbuto za kijambere ku mafaranga atavuna umunyagihugu, umuhinga Patrice Ntahompagaze amenyesha ko abafundi b’indimo bari bakwiye kwigisha abarimyi ingene bokoresha uburyo kama basanzwe bafise, babigishe aho bwova n’ingene bwokoreshwa. Leta kandi yogerageza guha intumbero igisata c’uburimyi.

JPEG - 41.9 ko
Patrice Ntahompagaze, umuhinga yeteguye ico cigwa

Mu gihe umwimbu w’igihugu utera ugabanuka kandi ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwarongewe amafaranga bukoresha, umuhinga Patrice Ntahompagaze amenyesha ko hakenewe n’integuro itomoye y’ingene ubwo buryo bwokoreshwa mu kurwiza umwimbu. Ku ruhande rw’urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile), ari naryo ryasavye ko ico cigwa gitunganwa, bamenyesha ko abarimyi bo mu Burundi batigeze bahindura uburyo barima haraheze imyaka myinshi, n’abafundi b’indimo bakaba bagikoresha bwa buhinga nyene bwo kuva kera.

Raymond Kamenyero, umunyamabanga w’urunani FORSC ( Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) amenyesha ko intumbero rero y’ico cigwa cashizwe ahabona kuri uwu wa kane, ari uko bokwereka abo vyega uko vyifashe mu gisata c’uburimyi, berekane uko vyogenda kugira umwimbu wiyongere, bongere basabe Leta igire ico ihindura. Abarimyi nabo nibafata nkama ivyo bazoba bigishijwe, bazohatorera akoyokwe, umwimbu wiyongere, inzara nayo icibwe mu gihugu.

JPEG - 34.3 ko
Raymond Kamenyero, umunyamabanga w’urunani FORSC

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.