Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abafungura cane amakaroti boba bafise amahirwe yo kudasaza ni ngoga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abafungura cane amakaroti boba bafise amahirwe yo kudasaza ni ngoga (...)

Abafungura cane amakaroti boba bafise amahirwe yo kudasaza ni ngoga ?

samedi 24 Myandagaro 2013

Mu vyamwa n’imboga bihari kw’isi, hari ibifise ingaburo muri vyo zikingira urukoba rw’umubiri w’umuntu. Muri ivyo vyamwa n’imboga, harimwo ikaroti, ifise ingaburo bita « bêta-carotène ».

Mu kurinda urukoba rw’umubiri, izo ngaburo zituma nk’umuntu yiriwe k’uzuba, urukoba rurindwa, n’igihe avuye k’uzuba umubiri ntukaratara. Izo ngaburo dusanga mw’ikaroti, zirarinda urukoba rw’umubiri w’umuntu igihe rwabaye nk’ugwumye kubera umunyu mwinshi mu mubiri.

Muti none, duhebe kuza turaja k’uzuba n’umunyu tuwuhebe ? Thomas Ladrat,umwe mu bahinga mu bijanye no gufungura neza, yaratanze umuco kuri ico kibazo, avuga ko atari bibi kuja kuzuba no gufungura umunyu n’ubwo ari ibintu bituma amazi yo mu mubiri agabanuka. Ati : « Hari ibifungurwa umuntu yokwama afungura kenshi, akagarukana amazi m’umubiri mbere n’umubiri ugasesuka ».

Muri izo mfungurwa umuntu yokwama yiyegereza, harimwo amakaroti. Amakaroti, n’imboga irimwa mu bihugu bitari bike kw’isi ku buryo ata muntu yozirengangiza. Bivugwa mbere ko iyo umuntu afunguye ikaroti, bituma yama akeye mbere n’amatako yiwe agasa neza.

Kugira rero, umuntu agarukane amazi aba yasohoye kubera izuba aba yiriweko n’umunyu aba yafunguye, abahinga muvy’agara y’abantu, bahanura kwama banywa amazi mensi n’imiburiburi iritiro zibiri, akarushirizaho no gufungura cane ivyamwa n’imboga bifise amazi.

Ikaroti zaratowe mu mboga zifise amazi ngirakamaro k’umubiri w’umuntu. Ingaburo dusanga muri zo, n’umuti w’ingorane zitari nke zibangamira urukoba rw’umubiri. Aho twovuga nk’iy’umuntu yiriwe mu myitwarariko myinshi (stress), igihe umubiri woba utewe n’imigera mu gikomere (infection), canke igihe yababuwe n’imishwarara y’uzuba.

Ariko, n’ubwo ikaroti ari ingaburo nziza, ni vyiza kwigerera mu kuzifungura kuko zishobora kugira ingaruka zitari nziza. Abahinga bavuga ko iyo umuntu azifunguye ari nyinshi, urukoba rw’umubiri wiwe rushobora guhindura ibara.

Muti none twoza turafungura izitetse canke izidatetse, ko hari uburyo bwinshi bwo kuzifungura ? Vyiza zoribwa ari mbisi kuko niho hari amahirwe menshi yo gufungura izo ngaburo zirimwo, ariko n’izitetse ziraribwa.

Ikaroti zifise ivyiza bitari bike vyotuma umuntu yokwama azifungura ; zituma umuntu agira amaso asa neza kandi abona kure, zituma umubiri urinda kugira iminkanyari vuba, n’ibindi bitarinze kudondagurwa.

Abashakashatsi bo kw’ishure kaminuza y’i Bristol no kuri Andrews Mweranda, barerekanye ingene abafungura kenshi imboga n’ivyamwa harimwo n’amakaroti, bagira umubiri usesutse kandi ukeye cane.

Stephen, umwe mu bahinga b’ibancabwenge bo kw’isi, ati : « Mw’ikaroti harimwo ingaburo bita carotenoide, zituma umuburi w’umuntu utagata kandi, zikanatuma umuntu atanagira iminkanyari mu maso. Ikindi ciza naco, ibinure vyo mu maraso biragabunika kubw’izo ngaburo ziri mw’ikaroti umuntu aba yafunguye »

Uwo muhinga, ahamagarira abantu bose, yaba uwukuze, canke umuto, yaba umugabo canke umugore gufungura ikaroti kenshi gashoboka, kugira yirinde gusaza yarakibasha.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.