Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abaganga bavura indwara ya kanseri, amafyigo bari mu rugendo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abaganga bavura indwara ya kanseri, amafyigo bari mu rugendo mu (...)

Abaganga bavura indwara ya kanseri, amafyigo bari mu rugendo mu Burundi

dimanche 24 Munyonyo 2013

Guhera ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 25 Munyonyo gushika ku musi wa kabiri, hari abaganga batamenyerewe mu Burundi bavura indwara ya kanseri, umutima n’amafyigo bazoba bariko barakorera ku bitaro bibiri vyo mu gisagara ca Bujumbura.

Abo baganga basanzwe batamenyerewe mu Burundi bari mu rugendo i Bujumbura. Uwuvura indwara ya kanseri (cancerologue), indwara y’amafyigo (nefrologue), hamwe n’indwara z’umutima (cardiologue). Nk’uko bimenyeshwa n’umuganga Raoul Nsengiyumva, abo baganga bazokorera ku bitaro bibiri ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hamwe n’ibitaro Van Norman vyo kuri kaminuza y’ivyizigiro (Université Espoir d’Afrique)

Raoul Nsengiyumva asanzwe azofashanya n’abo baganga avuga ko iyo minsi bazomara mu Burundi azoba ariyo gusuzuma abarwayi bazobitura kugira barabe umwe wese ico agwaye mu nyuma bakazogaruka ubwa kabiri bazanye ivyangombwa, ni ukuvuga imiti n’ibikoresho. Abo bizoba bidakunda ko bavugwa bazoca baraba babandikire ivyangombwa kugira baje kwivuza mu gihugu c’Ubuhindi, kuko naho hariyo abaganga basanzwe bakorana nabo.

Mwomwenya ko abo baganga bazovura ku buntu, akaba ari guhera ku munsi w’ejo igenekerezo rya 25 Munyonyo gushika ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 26 Munyonyo 2013, bakazokwakira abo bose bazobitura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.