Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi 50 biteguriye kuvurwa mw’isekeza ryo kurwanya indwara zo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abakenyezi 50 biteguriye kuvurwa mw’isekeza ryo kurwanya indwara zo mu (...)

Abakenyezi 50 biteguriye kuvurwa mw’isekeza ryo kurwanya indwara zo mu kigo

mercredi 4 Ruheshi 2014

Abakenyezi 50 nibo bategekanijwe kuvurwa mw’isekeza ryitiriwe kurwanya indwara yo mu kigo ririko ribera ku bitaro Rema biri mu ntara ya Ruyigi hamwe no mu ntara ya Gitega mu kigo Urumuri. Iryo sekeza rifise intumbero yo gutanga impanuro zikenewe ku bakenyezi, mu kubafasha no kubahumuriza.

Kuva kw’igenekerezo rya 26 Rusama gushika kw’igenekerezo rya 6 Ruheshi haratunganijwe isekeza ku vyerekeye kurwanya indwara yo mu kigo. Iryo sekeza ryatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa sida, ufadikanije n’ishirahamwe FNUAP. Muri iryo sekeza, abakenyezi bashika kuri 50 akaba aribo bategekanijwe kuvurwa mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe indwara yo mu kigo uhimbazwa igenekerezo rya 23 Rusama. Ibigo bibiri akaba arivyo biriko bifata mu mugongo abo barwayi, ibitaro Rema vyo mu ntara ya Ruyigi hamwe n’ikigo Urumuri kiri mu ntara ya Gitega cashinzwe n’abaganga batagira imbibe. Uno mwaka, icivugo kikaba ari : "Dupimishe indwara yo mu kigo kugira ubuzima buhinduke : dépister les fistules, transformer les vies)

Nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe no kurwanya umugera wa Sida Sabine Ntakarutimana, indwara yo mu kigo ikunda gufata abakenyezi babirimizi badakunda kuja kugirisha ibipimo mu gihe co kwibaruka canke abakenyezi bashika batevye kwa muganga canke bakibarukira muhira. Mu cigwa cakozwe mu mwaka w’2013, urugero rw’abakenyezi barwaye iyo ndwara bagera ku 3550, ni naco gituma ubushikiranganji bw’amagara bwahagurutse mu gukora ibishoboka kugira bwarwanye iyo ndwara.

Umushikiranganji Sabina Ntakirutimana avuga ko hakenewe amavuriro n’ibitaro mu guhimiriza abakenyezi, kugira baze baribarukira kwa muganga. Ikindi kandi n’uko boza barafashanya n’abo vyega bose kugira abana birinde kuza baratwara inda batipfuje bakiri bato. Yamenyesheje kandi ko Reta y’Uburundi itipfuza ko hogira umukenyezi yosubira kugwara iyo ndwara, inyuma y’ukwibaruka. Yasavye abasanzwe bafasha muri ico gisata kugira ibishoboka vyose mu gushigikira ico gikorwa co kurwanya iyo ndwara.

Tubamenyeshe ko mu vyigwa vyakozwe, ibitigiri vyinshi vy’abarwaye iyo ndwara ahanini biri mu ntara za mu buraruko, mu buseruko hamwe no mu ntara zo hagati mu gihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.