Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi bapfa bariko baribaruka baragabanutse-MSF Belgique - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abakenyezi bapfa bariko baribaruka baragabanutse-MSF Belgique

Abakenyezi bapfa bariko baribaruka baragabanutse-MSF Belgique

jeudi 13 Kigarama 2012

Ibitigiri vy’abakenyezi bapfa bariko baribaruka vyaragabanutse cene mu Burundi kubera umugambi w’ababiligi Medecins Sans Frontieres Belgique. Biri mu cigwa cakozwe mu ntara y’ubuvuzi ya Bujumbura. Mu mwaka w’2011, abakenyezi bashika 208/100 000 nibo bahasize ubuzima muri iyo ntara mugihe mu gihugu cose ari 800/100 000.

Icigwa cakozwe mu ntara ya Bujumbura n’ishirahamwe ry’ababiligi ryitaho amagara y’abanyu MSF Belgique, Medecins Sans Frontieres cerekana ko bishoboka ko igitigiri c’abakenyezi bapfa bariko baribaruka gishobora kugabanuka cane. Ivyo ngo vyoshoboka mugihe umukenyezi bokwijukira kwitura muganga igihe cose yumvise afise ingorane yibungenze.

’’Ivyigwa vyerekana ko abakenyezi bapfa bariko baribaruka bogabanuka gushika ku bice 74 kw’ijana mugihe baronse imiti vyihuta iyo bagwaye bibungenze. Ico cigwa kandi ni nkenerwa kuko nico ca mbere gikozwe muri ico gisata muri Afirika’’, ivyo biri mw’itangazo rya MSF Belgique.

Uwurongoye ivuriro ryo muri komine Kabezi rifashwe mu mugongo na MSF Belgique amenyesha ko intara y’ubuvuzi y’intara ya Bujumbura ariyo y’akarorero mu kugabanya abavyeyi bahasiga ubuzima bariko bibaruka.

Dr Brigitte Ndelema mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, avuga ko ibitigiri vyo mu mwaka 2011 vyerekana ko abavyeyi bangana 2o8/100 000 aribo bapfuye bariko baribaruka, ni mugihe mu Burundi bwose ibitigiri bingana 800/100 000.
Iryo tangazo rya MSF Belgique rivuga ko ico gitigiri kikiri gito cane ugeraranije n’ico mu migambi y’ikimpumbi gitegerezwa aho ivyo bitigiri vyoja ku rugero ra 75 kw’ijana gushika mu mwaka w’2015.

Ivyo bitigiri vyiza ngo vyavuye ko MSF Belgique yitanze bikomeye mu ntara y’ubuvuzi ya Bujumbura. Abaganga ngo bakora iminsi yose amasaha 24 kuri 24, hariho uburyo bwo guhamagarana hakoreshejwe uburyo bwa none Radiophonique, hamwe no gutegekanya imodokari yihuta ruseha abaniha ‘’ambulance’’ yo gutwara no gutora umukenyezi wese ari ku mbanyi aho ari hose. Ivyo ngo bitwara amafaranga y’amanyabulaya 3,2 Euros ku muganga umwe, ni hafi ibihumbi 60 vy’amarundi.

Uwo arongoye ibitaro vyo mu Kabezi avuga ko hamwe amavuriro yose yo mu burundi yofata ako karorero keza, ata nkeka abakenyezi bapfa bariko baribaruka bogabanuka cane, asaba MSF Belgique gufasha no muzindi ntara z’igihugu.
Ishirahamwe MSF Belgique rimenyesha ko rigiye gufasha cane mu bihugu bikenye hamwe n’aho ibitigiri vy’abakenyezi bapfa bariko baribaruka bikiri vyinshi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.