Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi birimizi basabwa kwijukira kuja mu mashirahamwe abungura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abakenyezi birimizi basabwa kwijukira kuja mu mashirahamwe abungura (...)

Abakenyezi birimizi basabwa kwijukira kuja mu mashirahamwe abungura ubumenyi

vendredi 18 Gitugutu 2013

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi mu Burundi wahimbajwe uno munsi igenekerezo rya 18 Gitugutu, abakenyezi b’abirimizi bavuye mu mihingo itandukanye y’igihugu bakaba bari bahuriye hamwe kugira bigine uwo munsi. Icivugo akaba yari : ‘’Dutuze ubukene n’inzara mu gushigikira umukenyezi mwirimizi mu migambi y’iterambere’’.

Ibirori vy’uwo munsi vyari vyashigikiwe n’abategetsi batandukanye, nk’umushikiranganji wo gushigikiranira agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, uwaserukiye ishirahamwe ONU, hamwe n’amashirahamwe ashigikira iterambere ry’abakenyezi.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ivyo birori,Clotilde Niragira, umushikiranganji wo gushigikiranira agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, yamenyesheje ko umukenyezi ariwe nshingiro ry’amahoro n’iteremabere rirama mu Burundi, mbere no kw’isi yose. Afise urahara rudasanzwe mukurwiza umwimbu ari nawo uteza imbere igisata c’ubutunzi mu gihugu. Yibukije ko umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi uje hageze, mu gihe mu matohoza yakozwe mu mwaka w’2008 mu Burundi basanze abakenyezi ari benshi kurusha abagabo. Ubu bakaba bagera ku bice 52 kw’ijana. Kuri ivyo, bigaragara ko abakenyezi bafise uruhara runini mu kuzana iterambere, biciye mu bikorwa vyo kurwiza umwimbu n’ibindi bikorwa vy’iterambere, ari navyo bizana amahoro mu miryango canke mukwigisha urwarura rwo Burundi bw’ejo.

Umushikiranganji w’ugufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira, Clotilde Niragira akaba yaciye atanguza ihayanishwa-gurisha ry’ivyimburwa birimwa n’abakenyezi birimizi, eka n’utundi tugenegene twakozwe n’amaboko yabo. Ivyo bikaba vyabaye kugira berekane bimwe mu bikorwa vy’abo bakenyezi birimizi n’imyuga itandukanye basanzwe bakora, kugira kandi babahe akaryo ko guhura, baruyshirizeho kwungurana ubumenyi. Iryo hanisha - gurisha ryatanguye uno munsi ririko ribera mu kigo ndangamico c’i Bujumbura (Palais des Arts et de la Culture), rikazohera ku munsi w’ejo.

Ku civugo c’uno mwaka, umushikiranganji Clotilde Niragira amenyesha ko catowe kuko basanze abakenyezi birimizi mu Burundi bahura n’ingorane zidasanzwe mu mibereho yabo, mugukumirwa, mukunyagwa amatongo yabo, abandi bagakorerwa amabi abishe mbere no gutotezwa ntibisigare inyuma. Barabura kandi imitahe yo kwiteza imbere, bigatuma baguma inyuma mw’iterambere.

Yahimirije abakenyezi birimizi mu Burundi kwijukira kuja mu mashirahamwe kugira bungurane ubumenyi bozobatuma barushirizaho kwiteza imbere bari hamwe, ivyo bigafasha abasanzwe babashigikira kubibuka n’ingonga. Gukorana n’amashirahamwe yo kuguranana kugira abafate mu mugongo, kugenderanira hagati yabo, no kugendera ayandi mashirahamwe y’abakenyezi birimizi bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, gutyo barushirizaho gutera imbere. Yabasavye kandi kwitaho umugambi wa Leta w’irondoka rijanye n’amagara, mu kuvyara ku rugero.

Yasavye amashirahamwe ajejwe gutanga ingorane ku birimizi batobato (cooperative) ko yarushirizaho gufata mu mugongo abakenyezi birimizi, mu kubasanga ku mituma yabo, batarinze kumanuka i Bujumbura.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mw’irimizi watangujwe mu mwaka mu mwaka w’1995 n’abakenyezi b’abirimizi bari mu mashirahamwe mpuzamakungu ya ONU. Aho hari mu nama mpuzamakungu ya kane yahuza abakenyezi yariko ibera mu gisagara ca Beijing mu gihugu c’Ubushinwa. Intumbero y’uwo munsi mukuru yari kugira ivyo bakora babikorere ku mugaragaro kuko akenshi usanga bitaba bizwi na benshi kw’isi, nko gutanga ibifungurwa bikwiye no guteza imbere igisata c’uburimyi.

Mwomeneya ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryafashe umugambi wo gushigikira abakenyezi mu mwaka w’2010, mw’ihanguro ryo guteza imbere umukenyezi w’umunyafrika n’Uburundi burimwo, mu kiringo c’imyaka 10. Hakaba haciye imyaka 3 Uburundi bwihaye umugambi wo gushigikira ico kiringo kizomara imyaka 10 (2010 - 2020). Uno munsi akaba ariho ico kiringo c’imyaka cumi catanguzwa icese n’umushikiranganji wo gushigikirana, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rikaba ryarashize imbere ikigega kizofasha umukenyezi wa Afrika. Ibihugu vyose vyo muri Afrika bikaba basabwa guhimiriza abakenyezi bose gutegura imigambi irashe kugira bashigikirwe n’ico kigega, baheze baze baronke ingurane yo kwiyungunganya mu bikorwa vy’iterambere rirama.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.