Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakorora inda mu kinyegero bariyongereye mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abakorora inda mu kinyegero bariyongereye mu Burundi

Abakorora inda mu kinyegero bariyongereye mu Burundi

mercredi 15 Rusama 2013

Mu mpera z’iyi ndwi twaraye turangije, abahinga babiri: Dr. Donavine Uwimana na Dr. Jean Pierre Ndayirukiye, bo mw’ishirahamwe ryitaho ineza y’imiryango ABUBEF(Association Burundaise pour le Bien-être Familial barashikirije ivyavuye mu cigwa bakoze ku buremere bw’ugukorora inda mu Burundi.

Nk’uko ico cigwa cavyerekanye, ibice mirongo itandatu n’indwi kw’ijana (67,4%) vy’abakobwa bakora amabanga mpuzabitsina bagifise imyaka iri hagati ya cumi n’itandatu na mirongo ibiri. Ibice mirongo ibiri n’umunani vy’abo bakobwa baba bakoze ayo mabanga mpuzabitsina baratwara imbanyi batipfuza.

Benshi muri abo bakobwa(ibice mirongo itanu kw’ijana) bakorora izo mbanyi mu kinyegero, ibice mirongo ibiri na bitanu kw’ijana(25%) bazikororera mu bisata vy’ubuvuzi bizwi, vyaba ivya Leta canke ivy’abikorera ivyabo.
Intara zitandatu (Bujumbura Mairie, Ngozi, Gitega, Kirundo, Bururi na Muyinga) muri cumi n’indwi zigize igihugu c’Uburundi nizo zakozweko ico cigwa.

Biri uko mu gihe amategeko y’igihugu adatanga uburenganzira bwo gukorora inda kiretse iyo ubuzima bw’umuvyeyi bugeramiwe. Naho nyene, abaganga babiri baserukira Leta babanza gutanga uruhusha, n’umuvyeyi canke uwumuserukira akavyemeza.

Imwe mu ntumbero y’ico cigwa, kwari ukwerekana uko ugukorora inda vyifashe mu Burundi.

Kubwa Dr. Ndayirukiye, abakorora inda mu Burundi baguma biyongera naho bitamenyekana kuko bibera mu kinyegero.

Uruhara rwa Leta y’Uburundi mu kurwanya ukwo kwica ikiremwa muntu rwoba ugutegura inyigisho kugira ababikora batumbere abaganga n’ubuvuzi bazwi, n’amategeko atomorwe neza.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.