Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakozi bo mu kigo CNTS bahurikiye muri sendika SYNAPA bahagaritse (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abakozi bo mu kigo CNTS bahurikiye muri sendika SYNAPA bahagaritse (...)

Abakozi bo mu kigo CNTS bahurikiye muri sendika SYNAPA bahagaritse akazi

lundi 14 Mukakaro 2014

Abakozi bo mu kigo gitanga amaraso CNTS (Centre National de Transfusion Sanguine) bahurikiye muri sendika SYNAPA bahagaritse imirimo yabo, bivuye ku ntererano iva ku mishara yabo itangwa mw’ishirahamwe ryo kuvuzanya MUTUELLE.

Abakozi bo mu kigo CNTS bavuga ko hari akarenganyo mw’itunganywa ry’interararo iva ku mishahara yabo, batanga muri MUTUELLE ugereranije n’ayo abandi bakozi ba Reta batanga.
Paterne Muhirwa aserukira abakozi bo muri CNTS avuga ko amafaranga batanga muri MUTUELLE kugira bashobore kubavuza, bayatanga kubiri uharuye ingene abandi bakozi ba Reta bayatanga. Akavuga ko bo babaharurira kuri 4 kw’ijana ku mushahara wose, ariko abandi bakozi bose, ishirahamawe MUTUELLE ikabaharurira ku bice 4 kw’ijana nyene, ku mushahara w’ibanze (salaire de base). Kubw’abo bakozi, bakabona ko ari akarenganyo, ko iryo tunganywa ry’intererano rikwiye gusubirwamwo.

Paterne Muhirwa avuga ko ico kibazo c’intererano batanga muri MUTUELLE giteye impari ku mishahara y’abakozi, kimaze imyaka irenga cumi, kuko kuva mu mwaka w’2002 ariho batangura gutabaza inzego zibiraba. Naho inzego zibiraba zijeje abakozi bo mu kigo CNTS bahurikiye muri Sendika SYNAPA ko ikibazo cabo kiriko kirirwa, abakozi bo bavuga ko amazi yerenze inkobe kuko gushika ubu ata na kimwe kirakorwa.
Bamenyesheje ishirahamwe MUTUELLE ko amafaranga yose ryabatwaye arenze ayo bategerezwa gutanga hakurikijwe amategeko bategerezwa kuyabasubiza.

Ikindi kibazo bavuga ko bafise mu kigo CNTS, kiri mu vyatumye bahagarika akazi, ni uburyo buke bwigaragaje mu kigo CNTS butuma imirimo itarangurwa uko yategerezwa gukora kubw’ubukene bw’ibikoresho. Bavuga ko badatahura n’ikoreshwa ry’amafaranga atangwa ku mwaka ku kigo CNTS. Ivyo bakabivuga bisunze amafaranga yari gukoreshwa mu mwaka w’2013, yakuweko imiriyoni zigera kuri 49.

Umuyobozi bw’ikigo CNTS, muganga Gilbert Nduwayo naho atagize ico avuze kuri iryo hagarikwa ry’akazi, yamenyesheje ko ikibazo c’abakozi akizi kandi ko amaze kugitura ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Mwomenya ko abakozi bo mu kigo CNTS bahurikiye muri sendika SYNAPA bamenyesheje ko bazosubira ku kazi ari uko ikibazo cabo gitorewe inyishu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.