Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakozi ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bahagaritse (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abakozi ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bahagaritse (...)

Abakozi ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bahagaritse imirimo

lundi 17 Ntwarante 2014

Abakozi bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bazindutse kuri uwu wa mbere bahagarika imirimo yabo ya minsi yose kugira baharanire agashahara kabo bamaze amezi atatu bataronka.

Aho ikinyamakuru IGIHE cishikira ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, kuri uno munsi wa mbere wa 17 Ntwarante 2014, casanze abaganga n’abaforoma bicaye ku mirwi, bikaba vyagaragara ko ataco bariko barakora atari ugutera inkuru gusa. Nayo abarwayi bari baje kuhivuriza, bakaba batashoboye kwakirwa atari indembe gusa bavura, naho nyene mu buryo bubayabaye.

JPEG - 160.4 ko
Abaganga n’abaforoma bari bicaye ku mirwi, bikaba vyagaragara ko ataco bariko barakora atari ugutera inkuru gusa.

Alexandre Nsabimana aserukira abakozi ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore yamenyesheje ko abakozi bo kuri ivyo bitaro bashimye guhagarika imirimo bahora barangura, kugira berekane akababaro bafise kubw’agashahara kabo ko kuva mu kwezi kwa Kigarama kw’umwaka w’2013 gushika ukwezi kwa Ruhuhuma 2014 baronka kadakwiye. Alexandre akavuga kandi ko n’ayo mu kwezi kwa Ntwarante na Ndamukiza batazi ko bazoyaronka, kuko atakivyemeza gihari.

Kubwa Alexandre Nsabimana, ukwo kutaronka agashara gakwiye bifise ingaruka zitari nziza kuko bituma abakozi bo kuri ivyo bitaro baca baza barasaba amadeni mu mabanki. Mukibuka ko amabanki iyo abonye amadeni aguma yiyongera kuri abo bayasavye, ashobora kumuha ibihano ku madeni aba atariko ararihwa nk’uko bisabwa.
Abo bakozi bahagaritse imirimo yabo, bavuga ko ikibazo cabo bari barakimenyesheje ababarongoye bari mu nzego zo hejuru, abo nabo babizeza ko bagiye gutorera inyishu ico kibazo, ariko gushika n’ubu akaba atakirahinduka, bagasaba Reta kuriha agashara kabo kose ibaheraniye, yongere irihe n’inyungu bategerezwa kuriha kuri ayo mabanki basavyeko ideni (intérêts de retard).

JPEG - 170.4 ko
Alexandre Nsabimana aserukira abakozi ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore

Ku bijanye n’igihe iyo yegereyegere igiye kumarira, Alexandre Nsabimaba aserukira abakozi bo ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, akaba yamenyesheje ko bazosubira ku mirimo baronkejwe inyishu itomoye y’ivyo basaba vyose. Ni ukuvuga ko basaba amahera bahora batangirwa muri INSS no muri Mutuel, hamwe n’umushahara bahembwa.

Mwomenya ko yegereyegere nk’iyo yaheruka kuba mu mwaka w’2012, ikaba yari yamaze indwi zibiri, bakaba naho nyene bariko basaba agashara k’amezi ashika kuri atatu bari baheraniwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.