Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru basabwa gufasha guhamagarira Abatwa kwitabira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abamenyeshamakuru basabwa gufasha guhamagarira Abatwa kwitabira (...)

Abamenyeshamakuru basabwa gufasha guhamagarira Abatwa kwitabira incanco

vendredi 21 Ruheshi 2013

Umugambi w’igihugu ujejwe amagara y’abantu n’irondoka uriteguriye gutanga incanco zizohabwa abana kuva kuri uyu wa 24 gushika ku wa27 ruheshi uyu mwaka n’aho abigisha bari muri yegereyegere, co kimwe n’abakenyezi bibungenze.

Uyo ugambi rero witeguriye gutanga incanco zitandukanye, ariko bakibaza ko bitazoroha cane kuko abana bari muhira kubera yegereyegere y’abigisha babo, uyo mugambi rero akaba ari umugambi witiriwe umwana n’umuvyeyi wiwe, ariko rero uyo mugambi wahora woroha iyo abana bari kwishure kuko baca babasanga kwishure.
Ku bwa muganga Josiane Nijimbere icegera c’umukuru w’umugambi wa Leta, atumirira abarongoye intwaro bose guhamagarira abanyagihugu bose kujana abana bose kuronswa izo ncanco kuri ayo magenekerezo.

Muganga Josiane Nijimbere amenyesha ko abana bafise hagati y’amezi atandatu n’amezi 59 bazoronswa icunyunyu A, mu gihe abafise umwaka umwe gushika ku myaka 14, bazoronswa ibinini vyitwa Albendazole co kimwe n’abagore bibungeze kuva ku mezi ane guhika ku mezi icenda. Abandi bazoronswa ubundi bwoko bw’urucanco ni abana bafise hagati y’amezi 18 gushika ku mezi 23.
Ikindi gikorwa citezwe ngo n’icukwegeranya amaraso mu ntara za Cibitoke, Bururi, Gitega, Ngozi, hamwe n’igisagara ca Bujumbura.

Umupfasoni Nijimbere avuga ko abamenyeshamakuru bakwiye gufasha guhamagarira imiryango y’abatwa kwitaba urwo rucanco kuko bimenyerewe ko batigera bajana abana babo ku ncanco eka n’abagore bibungenze bakaba batigera bitabira izo ncanco.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.