Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abana batanu bagiye kubarwa indwara y’umutima mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abana batanu bagiye kubarwa indwara y’umutima mu Bufaransa

Abana batanu bagiye kubarwa indwara y’umutima mu Bufaransa

mercredi 5 Munyonyo 2014

Abana batanu b’abarundi nibo baroye kubarwa indwara y’umutima basanzwe barwaye mu gihugu c’Ubufaransa aho bafashijwe n’ishirahamwe ABOSABU.

Abana COYITUNGIYE Danny Prince wo mu gisagara ca Bujumbura , NIZEYIMANA Ange w’i Mwaro, NSENGIYUMVA Celine ava mu ntara ya Cankuzo, INGABIRE Queen Doree wo mu ntara ya Bujumbura rural, na INGABIRE Milly Sanchia w’i Gitega akaba aribo barungitswe mu gihugu c’Ubufaransa kugira bavurwe indwara y’umutima bafashijwe na ABOSABU(Association Bon Samaritain du Burundi)nk’uko bivugwa na Alexis Butoyi, umukuru w’iryo shirahamwe.

Iryo shirahamwe rero rikaba rishimira uwo wese yagize ico afasha mu kurungika abo bana kwivuriza muri ico gihugu c’Ubufaransa. Igihe abo bana baja kwurira indege ku kibuga c’indege ca Bujumbura, bakaba baherekejwe n’abari muri iryo shirahamwe bari kumwe n’umupfasoni Immaculee Nahayo asanzwe ari umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu ajejwe ivy’imibano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.