Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abana bavukana umugera wa SIDA baraganutse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abana bavukana umugera wa SIDA baraganutse

Abana bavukana umugera wa SIDA baraganutse

mardi 19 Ntwarante 2013

Umushikiranganji w’amagara y’abantu niwe yabimenyesheje ko habayeho akarusho kadasanzwe mu kugabanya abana bavukana umugera wa SIDA. Ngo vyavuye ku mugambi washizweho n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

’’Intambwe iboneka yaratewe mu vyerekeye kugabanya abana bavukana umugera wa SIDA’’, uko niko umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabina Ntakarutimana yabishikirije kuri uyu wa kabiri italike 19 Ntwarante 2013. Ngo vyatumwe n’uko hashizweho umugambi wo gushira abavyeyi bibungenze ku miti ipfupfahaza umugera wa SIDA.

Uwo mugambi watanguye mu mwaka w’2010. Hatanguye abavyeyi badashika ibice 15 kw’ijana ariko ubu ngo abavyeyi bari kuri uwo mugambi barenga ibice 41 kw’ijana. Sabina Ntakarutimana amenyesha ko ari umugambi utomoye kandi wingirakamaro.

Amenyesha ko naho biri uko ngo intambwe iracari ndende kugira ntihagire umwana n’umwe asubira kuvuka afise umugera wa SIDA. Ahimiriza abakenyezi bose kwitaho uwo mugambi. Ku bwiwe, ngo ihangiro n’uko mu mwaka w’2015, hoba n’imiburiburi havuka abana badashika ibice 5 kw’ijana bafise umugera wa SIDA.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabina Ntakarutimana yabivugiye mu nama yagiranye n’abagira neza bafasha muri uwo mugambi. Abo nabo bakaba bemeye ko bazoguma bafasha kugira uwo mugambi ushikire abakenyezi bose gushika no hagati mu gihugu.

Abakenyezi bari kuri uwo mugambi bavuga ko bibafasha kuko bibaruka abana batagwaye umugera wa SIDA, ngo bituma imiryango yabo ibakunda kandi bagira amagara meza.

Umushikiranganji Sabina Ntakarutimana asaba amashirahamwe y’abakenyezi kubwira abari muri ayo mashirahamwe ineza y’uwo mugambi utuma havuka abana badafise umugera wa SIDA. Avuga ko ari nkenerwa kandi ngombwa kugira ibice 59 kw’ijana vy’abakenyezi basigaye batara kuri uwo mugambi botahura ineza yawo.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.