Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu bafise ingorane zo kuguma banywa inzoga nyinshi bagiye kuhatorera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abantu bafise ingorane zo kuguma banywa inzoga nyinshi bagiye kuhatorera (...)

Abantu bafise ingorane zo kuguma banywa inzoga nyinshi bagiye kuhatorera akoyokwe

samedi 22 Ntwarante 2014

Igisata kijejwe kuraba ikoreshwa ry’imiti, ANSM (Agence Nationale de Sécurité du médicament) giheruka kurekura ko umuti witwa "Baclofène" wokoreshwa vy’agategekanyo mu kuvura abantu bafise ingorane zo kunywa inzoga nyinshi (Dépendance à l’alchool). Gushika ubu uwo muti ukaba wakoreshwa ku bantu bafise ingorane z’imitsi.

Igisata ANSM kimenyesha ko umuti "Baclofene" wahora ukoreshwa gusa ku bantu bafise ingorane z’imitsi, ubu ukaba ubaye uwa mbere urekuwe vy’agategekanyo ku bantu bafise ingorane zo kunywa inzoga nyinshi kuva uho ugiriye kw’isoko mu mwaka w’1975. Abahinga bagize ubushakashatsi ku muti Baclofene bavuga ko basanze ufise muriwo, ubushobozi budasanzwe bugabanya icipfuzo co kunywa inzoga umuntu atigerereye (désir incotrolable d’alcool).

Inyuma y’aho umurwi mukuru w’igihugu ujejwe gusuzuma ikorwa ry’imiti uboneye ko umuti "Baclofene" ushobora gufasha abafise ingorane zo kuguma banywa inzoga, ico gisata ANSM caciye gihabwa uruhusha ku munsi wa gatanu wa 14 Ntwarante 2014 rwo kurekura ku mugaragaro ko umuti Baclofene wokoreshwa ku bantu bafise ingorane yo kunywa inzoga nyinshi (dépendance à l’alchool).

Mwomenya ko umuti Baclofene wamenyekanye cane mu mwaka w’2008 inyuma y’aho hasohokeye igitabo "Le dernier verre" canditswe na Olivier Ameisen, umuganga yaraba indwara z’umutima yawipimiyeko.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.