Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu bahanurwa gukoresha ibice 10 kw’ijana vy’isukari ku munsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abantu bahanurwa gukoresha ibice 10 kw’ijana vy’isukari ku munsi

Abantu bahanurwa gukoresha ibice 10 kw’ijana vy’isukari ku munsi

mercredi 18 Ntwarante 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu rihimiriza abantu gukoresha isukari nkeyi kugira birinde indwara ziva kw’isukari. Iryo shirahamwe rihanura ko abantu bokoresha ibice 10 kw’ijana vy’isukari ku munsi.

Abantu bakoresha isukari nyinshi, cane cane ko nyinshi iba yinyegeje mu binyobwa hamwe no mu mfungurwa, amagara yabo arabagamirwa n’ indwara zo kuvyibuha, indwara zo mu menyo, ingorane zo mu mafyigo hamwe n’ingorane zo kwibagira.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) risaba abantu kugabanya isukari gushika ku bice 10 kw’ijana ku munsi, yaba ku bana no ku bakuze mu ntumbero yo kurwanya indwara yo kuvyibuha hamwe n’ingorane zo mu menyo (Carrie dentaire). Iryo shirahamwe rihanura abantu bakuze kutarenza ibiyiko 6 vy’isukari ku munsi, hamwe n’ibiyiko 3 vy’isukari ku munsi ku bana.

Ivyo bigiye gukorwa no ku binyobwa hamwe n’imfungurwa zirimwo isukari mu gihe hibonekeje ko isukari nyinshi iba yinyegeye mu mfungurwa zihinguye canke mu binyobwa.

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu, yerekana ko indwara z’igisukari (Diabete), cancer hamwe n’indwara z’umutima zihitana abantu bangana n’imiriyoni 16 ku mwaka, zishobora kugabanuka mu gihe abantu bokoresha isukari nkeyi muvyo bafungura canke muvyo banywa kandi bagafungura imfungurwa z’ubwoko bwose.
Si ivyo gusa, ubwinshi bw’isukari mu maraso (Hyperglycemie) vyonona amafyigo bigatuma adaheza ngo akore neza.

Mwomenya ko abantu bahanurwa kugira imyimenyerezo y’umubiri kugira bagabanye isukari iba yagiye mu mubiri.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.