Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu baributswa akamaro ko kugira isuku ryo mu ntoke - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abantu baributswa akamaro ko kugira isuku ryo mu ntoke

Abantu baributswa akamaro ko kugira isuku ryo mu ntoke

lundi 5 Rusama 2014

Mu matohoza yakozwe, ibice indwi kw’ijana vy’abantu bo mu bihugu biteye imbere kw’isi hamwe n’ibice cumi kw’ijana bo mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, nibo batetwa n’imigera yo mu ntoke ivuye kw’isuku rike bagirira iminwe yabo.

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kugira isuku mu minwe, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, riributsa abantu kwama bitwararika kugira isuku na cane cane kugira isuku ryo mu minwe kugira birinde indwara ziturutse ku mwanda.
Iryo shirahamwe riributsa kandi abajejwe amagara y’abantu, gufata ingingo mu gukurikirana ingene isuku rikorwa mu mihana hamwe no kwigisha ukungene abantu bokwama bagira isuku mu mibereho yabo.

Mu kuvura, abaganga bakwiye kubanza gukaraba mu ntoke imbere yo kuvura umurwayi, eka n’inyuma yo kuvura, ni ngombwa gukaraba kugira imiti bakoresheje ntihave ibumirako, ihave itera imigera.
Ariko rero, naho abajejwe amagara y’abantu bahamagariwe kwigisha ukungene abantu bogira isuku, n’abarwayi ubwabo bahamagariwe kwama bitwararika kugira isuku ryo mu ntoke.
Imbere yo gufungura, imbere yo kwikora mu maso canke imbere yo kwikora mu mishatsi, umuntu wese asabwe kubanza gukaraba mu ntoke kuko mu ntoke ariho hashikira imigera itera indwara zivuye kw’isuku rike. Aho twovuga nk’ikiza ca korera, amacinya, ugucibwamwo ku bana, ukwononekara kw’imishatsi, ukurwara amaso, n’izindi ndwara.

Ishirahamwe OMS rikaba ryibukije ko kwitwararika isuku ryo mu ntoke, bishobora kugabanya indwara zivuye kw’isuku rike kugeza ku bice 50 kw’ijana.
Tubibutse ko umunsi mpuzamakungu wahariwe kugira isuku ryo mu minwe wama uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 5 Rusama.


Mariella Bukuru

Messages

  • GUKARABA N ISABUNI MU MINWE ,,EGO ARIKO LEA IHEREYE MU MASHULE,KU MAVURIRO N AHANDI HAHURIRA ABANTU BENSHI NIHASHIRE AMAZI AKINGIYE N ISABUNI HANYUMA IHIMIRIZE ABANTU GUKARABA ,,AHANDI HO KUBIVUGA GUSA KUKO UWO MUSI WEGEREJE NTACO BIHINDURA MU MIBEREHO Y ABANYAGIHUGU ..

  • Haaa hooooo ewe burundi 2014 abantu baracabigisha gukaraba?DD komera ncuti utwara intama kuko nawewe umenye kwabara ikareso 8ans

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.