Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu bahamagarirwa kurokora ubuzima bw’abandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abanyagihugu bahamagarirwa kurokora ubuzima bw’abandi

Abanyagihugu bahamagarirwa kurokora ubuzima bw’abandi

lundi 22 Mukakaro 2013

Mu gihe c’uburuhuko bw’ici, amaraso aragabanuka mu kigo kijejwe kuyegeranya CNTS. Ivyo rero bikaba bitumwa n’ukwo abanyeshure baba bari mu kiruhuko, kandi aribo bagize igice kinini c’abatanga amaraso. Ikindi naco, n’ukwo abakenera amaraso ari benshi cane muri iki gihe.

Umuyobozi w’ikigo CNTS muganga Lidiya Ndorere avuga ko amaraso atabuze, ariko ko yagabanutse. Abandanya amenyesha ko igabanuka ry’amaraso ritatumwe n’ukuja mu kiruhuko ku bana bo mumashure yisumbuye gusa, ahubwo ko n’abayakenera ubu ari benshi. Abakenera amaraso rero bakaba ari nk’abakenyezi bibarutse, igwirirana ry’inyubakwa bakoreramwo abantu ( Blocs opératoires), n’ibindi. Abandanya avuga ko ku bana bari munsi y’imyaka itanu bakenera amaraso menshi cane, narirya usobora gusanga bakenye amaraso bivanye n’ugufungura nabi, kandi nabo baca bagwira mu bitaro na rirya basanzwe bari mu mirwi y’abntu bavurwa ku buntu, ikindi n’abakenyezi bibaruka babanje gukorwa, kandi nabo nyene bakaba bararwiriye bivanye n’ukwo bibaruka ku buntu.

Ikindi naco, avuga ko hari amashirahamwe amwe amwe ariko aratahura igikorwa ciza aba akoze iyo atanze amaraso. Ayo nayo ni nka Jubilé, amashirahamwe ajejwe gucungera umutekano, amashirahamwe y’abasiramu n’ayandi mashengero. Ikindi kandi n’uruhara rw’umuryango utabara imbabare Croix Rouge mu bijanye n’uguhamagarira abanyagihugu gutanga amaraso. Abanyagihugu nabo baratanguye gutahura akamaro ko gutanga amaraso. Ku bijanye n’ukwo hari intara zimwe zimwe z’igihu zitagira amaraso muri iyi minsi, muganga Ndorere ntavyemeza canke ngo abihakane, ariko avuga ko ukwo amaraso yoba angana kwose ko bo baguma bayakenera.

Muganga Ndorere Lidiya arahumuriza abanyagihugu ko atamaraso azigera akena gushika ku busa, kuko babandanya basaba abanyagihugu gutanga amaraso, na rirya uwuyatanze aba arokoye ubuzima.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.