IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Leo > Abanywanyi ba Leo bandikisha amakarata simu bidoga ko bata umwanya (...)

Abanywanyi ba Leo bandikisha amakarata simu bidoga ko bata umwanya munini

samedi 13 Nyakanga 2014

Abanywanyi b’ishirahamwe Leo baridoga ko batakaza umwanya munini bagiye kwandikisha amakarata simu, mbere abatari bake bakaba bafise ubwoba ko bashobora kwirukanwa n’abakoresha babo.

Uciye ahakorera ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru LEO, uhasanga umurongo w’abanyagihugu baje kwandikisha amakarata simu . Abenshi muri bo bamenyesha ko badatahura ibiriko biraba, kuko benshi muri abo bavuga ko bari bamaze kwandikisha amakarata simu yabo. Bamwe mu baje kwandikisha ayo makarata simu bari ku biro vy’ishirahamwe Leo twahasanze, batumenyesheje ko bahamaze umwana munini cane, bakavuga ko bagenda bakagaruka.

Ahanini igituma abo baja kwiyandikisha baza ari benshi n’uko baronse ubutumwa bubamenyesha ko badashitse imbere y’uko ikiringo bahawe co kuri uyu wa 15 Nyakanga kwandikisha amakarata simu yabo, azoca yugarwa. Abatari bake rero bafise ikibazo c’ukungene basubiriye gutumwako kwiyandikisha kandi bari barakoze ico gikorwa. Bamwe babwirwa ko badafise ifoto mw’ishirahamwe Leo kandi bo bemeza ko bari barayitanze.

Abo banywanyi ba LEO , bakidoga ko bata umwanya munini baza kwiyandikisha, abandi bagata akazi. Abo banywanyi basaba ishirahamwe LEO kuvugana n’ishirahamwe rigenzura ivyo gutumatumanako amakuru ARCT, kugira ngo ibongere ikiringo co kwandika abanywanyi, hanyuma ishirahamwe Leo naryo rirwize abakozi bandika abanywanyi.

Mu buyobozi bw’ubudandanji mw’ishirahamwe LEO, nta vyinshi bashimye kuvuga, bavuga ko ata gishasha kirimwo, kuko bariko bashira mu ngiro ibisabwa n’ikigo ARCT, ko umunywanyi wese atanga umwidondoro ukwiye. Mw’ishirahamwe LEO bavuga ko abanywanyi babo babimenyeshejwe kuva kera, ariko bashimye kuza ku munota wa nyuma.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.