Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarimyi b’ikawa bo mu Burundi basa nk’abadebukiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abarimyi b’ikawa bo mu Burundi basa nk’abadebukiwe

Abarimyi b’ikawa bo mu Burundi basa nk’abadebukiwe

vendredi 14 Ruhuhuma 2014

Bamwe mu basanzwe bafise amashirahamwe y’amatonorero y’ikawa batumenyesha ko abarimyi b’ikawa bo mu Burundi, basa n’abadebukiwe kuko igiciro kw’isoko mpuzamakungu usanga ari gito, gurtyo bigatuma n’umurimyi ataco ahungukira.

Mu nama igira 11 y’ishirahamwe ry’ibihugu birima igiterwa c’ikawa iriko ibera hano mu Burundi guhera kuri uyu wa 13 Ruhuhuma, abasanzwe bakorera mu gisata c’ikawa baremeranya na Reta ko umwimbu w’ikawa ukiri muke cane n’uko n’abarimyi b’ikawa basa n’abadebukiwe kuko ataco bahungukira. Nk’uko bivugwa na Dieudonné Ngowembona arongoye ishirahamwe SUCCAM rifise amatonorero, umurimyi aberwa n’agahembo, mu gihe kw’isoko mpuzamakungu igiciro ari gito vyumvikana ko n’agahembo ku barimyi kaca kaba gato cane.

Ikindi naco atumenyesha ko akanovera k’ikawa y’Uburundi koba kagomba gutituka bivanye n’uko hari igihe usanga abazungu bavuga ko ifise akanovera k’ikiraya ‘’gout de pomme de terre’’, bibandanya bivugwa na Dieudonnee Ngowembona. Asaba Reta ko hokorwa ubushakashatsi kugira barabe ico bivako kugira Uburundi buzobandanye buhiganwa n’ibindi bihugu.

Prosper Merimeri Bigirindavyi umuhinga mu gisata c’ikawa akongera akaba umuyobozi ajejwe ibikorwa mw’ishirahamwe BUGESTAL nawe nyene, ingorane bazibona kumwe na mugenzi we. Abarimyi baradebukiwe ntibagikorera ikawa nk’uko bisanzwe kuko badashimishwa mu gahembo. Eka n’abahinga b’indimo baracari bake cane ku mitumba ndetse n’ubumenyi ni buke.

Mu vyokorwa rero kugira rero igisata c’ ikawa gitere imbere n’umwirimizi atere imbere, Reta yofasha cane mu kuronsa umwavu w’ikizungu ku giciro gito cane bishobotse mbere igafata mu mugongo abarimyi ijana kw’ijana. Reta yohimiriza abarimyi b’ikawa kutavanga ico giterwa n’ibindi, Reta ikongera ikabaronsa imiti ,n’ingemwe. Abarimyi kandi boronswa agashirukabute kugira baronke ingoga zo gukorera neza ikawa.


Floxella Karire

Messages

  • Igitegwa C Ikawa Gisubiye Inyuma Hahona Ibidukikije ! Uti Gute? Imiryango Myinshi Mukumoso Tubeshejweho N Agahawa .Iyo Ibeyi Yagenze Nabi Tukaronka Uduhera Duke, Duca Twikora Kumakara Kugira Dutunge Umuryango, Gucukura Umusenyi Mukinyegero Mumazi, uruhigi Nibindi. Ico Dusaba Reta Nuko Yotugwiriza Ibitegwa Nka Siteviya ,sipiririna Nibindi Bitegwa Kugira Umunyagihugu Wumurundi Agire Amikoro Asonere Ibidukikije Narirya Muburunii Hateye Ingwara Yihindagurika Ryibiciro Vyagahawa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.