Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi bakwiye kugwaniriza hamwe indwara y’imibembe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abarundi bakwiye kugwaniriza hamwe indwara y’imibembe

Abarundi bakwiye kugwaniriza hamwe indwara y’imibembe

mardi 10 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana imibembe, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida, bubicishije ku mugambi w’igihugu ujejwe kurwanya indwara y’imibembe bwaratunganije uruganda ku bamenyeshamakuru kugira bashobore guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye iyo ndwara.

Indwara y’imibembe irahari hano mu Burundi kuko mu mwaka uheze w’2014 ibiharuro vyari amajana ane na mirongo icenda na batandatu. Muri abo harimwo abashobora kwanduza hamwe n’abana bakiri bato. Ivyo bikerekana ko indwara y’imibembe ihari hano mu Burundi kandi yandukira, nk’uko bivugwa na muganga Thadée Ndikumana ,umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida.

Mu gihe rero indwara y’imibembe yandukira akenshi bica mu kwasamura ,mu nkorora. Kimwe mu bimenyetso vy’iyo ndwara n’ikimenyetso kiboneka ku mubiri ugasanga kitababaza umuntu , ntanico umuntu yumva anagikoze. Mu gihe rero umuntu yibonyeko ivyo bimenyetso asabwa kuca aja kwa muganga. Bafashwe mu mugongo n’ishirahamwe ry’ababiligi Action Damien, abasanzwe bafasha mu kuvura iyo ndwara mu ntara za Makamba , Rutana , bururi ,Cibitoke ,Bubanza barahawe inyigisho kugira bashobore kumenya gusumba ibijanye n’iyo ndwara . Imiti ivura imibembe ikaba ihari mu gihugu cose kandi ikaba itangwa ku buntu.

Ku barwayi bafise ibitashe biri munsi ya bitanu, bafata imiti mu kiringo c’amezi atandatu,abamaze kurengana ibimenyetso bitanu vy’iyo ndwara nabo, baca bafata imiti mu kiringo c’umwaka wose. Impande zitandukanye zikaba zihamagarirwa kugwaniriza hamwe iyo ndwara. tubamenyeshe ko hano mu Burundi uwo munsi mukuru uzohimbazwa kuwa 17 Ruhuhuma muri zone Kizuka komine Rumonge.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.