Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashika umuliyaridi bashobora kwicwa n’itabi mu kinjana ca 21 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abashika umuliyaridi bashobora kwicwa n’itabi mu kinjana ca 21

Abashika umuliyaridi bashobora kwicwa n’itabi mu kinjana ca 21

vendredi 5 Ruheshi 2015

Ivyigwa vyakozwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS vyerekana ko n’imiburiburi abantu bashika umuliyaridi bashobora kwicwa n’ingaruka zo kunywa itabi muri iki kinjana ca 21.

Ishirahamwe Mpuzamakungu OMS,rivuga ko kunywa itabi biri ku rugero rwo hejuru kandi bibandanya ku rugero biriko canke bikiyongera, abicwa n’ingaruka zo kunywa itabi bazova ku miliyoni 100 bitavye Imana mu kinjana ca 20,bashike ku muliyaridi mu kinjana ca 21.

Itabi ni kimwe mu bitera indwara za kansere, indwara z’amahaha n’umutima. Ibihugu vyinshi vyashizeho amategeko yo guhagarika kwamamaza itabi no gukurikirana abarigura ,abarikoresha ndetse n’aho barinywera.

Guhagarika urudandazwa rutemewe bw’itabi n’ibirivako bishobora kwongerereza imiliyaridi 31 z’amadorale y’Amerika ku makori ibihugu vyinjiza buri mwaka,ivyo vyofasha kurandurana n’imizi ivyaha bitumwa no kunywa itabi ritemewe n’amategeko.

Mu bintu bishika 400 bigize itabi, 250 vyonona ubuzima,mu gihe 50 bitera indwara ya kansere. Mu mwaka w’2004 impfu zishika 28% z’abana bazize kunywa itabi , aho 40% vyabo nimiburiburi bari bafise umuvyeyi anywa itabi. Muri rusangi itabi ryica abashika ibihumbi 600 ku mwaka.

Kugeza ubu 80% vy’ibihugu vyarateye umukono ku masezerano yo guhagarika amatangazo yamamaza itabi no gushiraho amategeko agenga uko ritegerezwa gukoreshwa.

Ubushakashatsi bwakozwe mu mwaka w’2012 bwerekanye ko mu karere ka Afrika y’Ubuseruko Urwanda arirwo rufise abantu bake banywa itabi ku bice 7.5%.

Igihugu c’Ubushinwa nico gihugu ca mbere gikora kandi kikanywa itabi ryinshi kw’isi. Abashika imiliyoni 300 banywa itabi muri ico gihugu, 28% ni abakuze barimwo abashika ica kabiri b’abagabo.

Mu Bushinwa nta tegeko ry’igihugu rigenga ikoreshwa ry’itabi rihaba, ariko Ubushinwa bwemeye gukurikiza itegeko ry’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.