Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashira amasanamu canke inzandiko ku mibiri yabo baragaba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abashira amasanamu canke inzandiko ku mibiri yabo baragaba

Abashira amasanamu canke inzandiko ku mibiri yabo baragaba

mercredi 28 Rusama 2014

Bafatiye ku bikoresho bikoreshwa mu gukora irangi rishirwa ku mibiri y’abantu bipfuza kugira tatouage, urunani rw’abaganga bize ibijanye n’indwara zo ku rukoba, baratanze impanuro ku bantu bafise inzandiko canke ibicapo ku mibiri yabo.

Mu bintu bihingurwamwo irangi bakoresha mu kugira tatouage, harimwo Aluminium, Barium, Cadmium, Cobalt, Chrome, Cuivre Fer, Mercure, Manganese, Nickel, Antimoine, Strontium, Vanadium n’ibindi. Bafatiye kuri ivyo, urunani rw’abaganga bize ibijanye n’indwara zo ku rukoba, baragabisha abantu ko hari ingaruka mbi nyinshi ziterwa na Tatouage.

Nk’uko babandanya babimenyesha, irangi rifise ibara ryirabura bakoresha iyo bariko barandika ku mubiri, ririmwo ibindi bintu biva mu gitoro vyitwa Benzopyrenes na Benzoanthrascene, vyinshi muri ivyo bikaba bitera indwara ya cancer. Mu gihe rero aho wanditse ku mubiri hagiye ahari umuco uva ku zuba, bishobora gutuma haca haduka indwara zifatiye ku rukoba.

Hariho rero ibintu vyerekana ko umuntu aba agiye gufatwa n’izo ndwara zo ku rukoba nk’uko zikurikira :

1. Kuribwa

2. Kubabara

3. Kuvyimba aho umuntu yagize tatouage hari igihe bishika ukumva ko umuntu yokurako iyo tatouage.

Izindi ngaruka umuntu atokwirengagiza zishobora gushika ku rukoba ni nk’indwara z’akaranda nka psoriasis, lichen plan, sarcoïde canke vitiligo.

Ku bantu rero bafise izo ndwara, abahinga bakavuga ko boreka kwirigwa barashirako ibicapo canke bandika ku mibiri yabo. Impanuro rero, ni uko umuntu agomvye kugira tatouage yobanza kwegera abaganga bize ibijanye n’indwara zo ku rukoba, bakamuha impanuro.


IGIHE

Messages

  • beshi mubagira tatouage ni indaya kandi ziba zariranze ko atakindi zisigaje atari ugupfa kuko buzuye ibirwara vyishi bikomeye.nkababikora batarandura ni mureke kwiyonona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.