Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abavuza imiti n’ingaburo kama bidaciye mu mategeko bagabishijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Abavuza imiti n’ingaburo kama bidaciye mu mategeko bagabishijwe

Abavuza imiti n’ingaburo kama bidaciye mu mategeko bagabishijwe

lundi 7 Gitugutu 2013

Mu ntumbero yo gutanga umuco ku bijanye n’ubuvuzi kama n’ivyingaburo ziherekeza ibifungurwa, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bwatunganije ikiganiro ku banditsi no kubamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere wa 7 Gitugutu kugira buhimirize abantu bavavanura n’ubuvuzi kama butemewe n’amategeko, ko bobihagarika ku neza y’amagara yabo.

Muri kino gihe, mu Burundi hamaze iminsi hibonekeza abavuza imiti kama, n’abandi bakoresha ingaburo ziherekeza ibifungurwa, baje bava mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi, bakigira karuhariwe no mu kuvura indwara zidakira nk’indwara z’igisukari, indwara z’umutima, eka mbere na SIDA. Abo rero, ivura ryabo rikaba riteye amakenga ubushikiriranganji bw’amagara y’abantu, kuko abo bigira karuhariwe mu kuvura n’vyananiranye. Bavuza amazi usanga mbere akenshi adasukuye, abandi bagakoresha amamashini atavura indwara vyagenewe n’ibindi biteye amakeza muri ubwo buvuzi bumaze iminsi bwibonekeza butarekuwe n’amategeko.

Kuri ivyo, umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA yagabishije abo bigira abavuzi karuhariwe mu kuvuza imiti kama canke mu gutanga ingaburo ziherekeza ibibifungurwa ( les supplements ) ko bohagarika iyo ngendo, bakisunga amategeko agenga ubuvuzi.
Hafashwe kandi ingingo yo kugabisha abo bose bakora barondera inyungu z’amafaranga batitondera ineza y’abanyagihugu, ko bohagarika uwo murimo ugayitse.

Umushikuranganji Sabina Ntakarutimana, yahamagariye abantu bose birukira bene ubwo buvuzi, ko bonyarukira ubwa mbere kwa muganga azwi n’amategeko, imbere y’uko biyumvira ubundi buvuzi bwose.

Amashirahamwe agikorera mu kinyegero mu kuvura yagabishijwe nayo nyene, ko atisunze amategeko asabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ko agiye gufatirwa ibihano, mbere no kwugarwa yugarwe.

Mukamenya ko hariho mbere n’ayamaze kwugarwa atari akwije ibisabwa n’amategeko.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.