Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indwara yo mu kigo itera ubunyakamwe abavyeyi bayirwaye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Indwara yo mu kigo itera ubunyakamwe abavyeyi bayirwaye

Indwara yo mu kigo itera ubunyakamwe abavyeyi bayirwaye

jeudi 28 Munyonyo 2013

Indwara yo mu kigo ifata abakenyezi bamaze amasaha menshi ku bise. Akenshi, usanga umukenyezi yibarutse umwana atageze canke umwana akitabimana. Ibimenyetso vy’iyo ndwara ni kujojota bidahera, ari naco gituma uwuyirwaye umuryango n’ikibano bimuheba kuko umunuko ariwo urangwa aho ari.

Iyo umukenyezi amaze umwanya munini ari ku bise, arashobora kurwara indwara yo mu kigo. Umuyobozi w’umugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza, Muganga Juma Ndereye, amenyesha ko abakenyezi bategereye ibitaro n’amavuriro bakunda guhura n’iyo ndwara. Ivyo kubera kenshi, abo bakenyezi bafatwa n’ibise bakiri muhira . Mu gihe babonye ko umwanya ubaye munini, ugasanga niho baciye baja kw’ivuriro ryoba riri hafi. Bahashitse, birashika ko abo bajejwe kubakira basanga ataco bagikiza.

Muri ico gihe rero biba nkenerwa ko barungikwa ku bitaro ivyonononekara vyononekaye. Muganga Ndereye yamenyesheje ko kubera urugendo rurerure abo bakenyezi baba bagize imbere y’uko bibaruka no mu gihe bahejeje kwibaruka bashobora gufatwa n’iyo ndwara yo mu kigo.

Umukenyezi arwaye indwara yo mu kigo ababara ku mutima no ku mubiri kuko akenshi usanga akumirwa cane mu kibano. Ndetse akenshi n’umushingantahe wewe aramuta akagenda bivuye ku kunanirwa kwakira ubwo bumuga kubwo isoni y’umunuko waburi mwanya. Umugore arwaye indwara yo mu kigo biramunanira gukora ukorwa kuko aguma yigirako umwanda muto. Abagabo b’abo bagore bagwaye indwara yo mu kigo barabaheba bakabirukana. Iyo basubiye i wabo, ku bafise basaza babo, bano nabo bakabirukana kuko baca bibaza ko bagomba ko bagabura amatongo. Mu gihe rero bakigwaye iyo ndwara babura ayo bacira nayo bamira .

Muganga Ndereye amenyesha ko naho hari abagabo bataca babirukana hari igihe babatoteza ukundi. Hari ababagumiza mu nzu bakabazanirako uwundi mugore bitwaje ko aje gufasha kurondera ibitunga abana.

Icokorwa rero kugira iyo ndwara igabanuke nuko abanyagihugu bose muri rusangi hamwe n’abagwaye indwara yo mu kigo bomenya bose ko umugore yibungenze ategerezwa kwisuzumisha n’imiburiburi gatatu imbere yuko yibaruka. Uko kwisuzumisha gutuma baraba ko umwana ari mu kibanza co canke ko hakenewe ko abagwa. Mu gihe rero umugore agiye kwisuzumisha aronka n’impanuro.

Abakenyezi nabo boba bamaze kugira ingorane mu gihe bariko baribaruka, Muganga Ndereye ahanura ko bokwijukira uburyo bwo gutandukanya imvyaro. Uwo mugambi woca ubafasha kwirinda kurwara indwara yo mu kigo.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.